1 Petero 3:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe18 Kuko na Kristo yababarijwe ivyaha vyacu rimwe gusa, uwutagira icaha apfira abanyavyaha, kugira ngo abahuze n’Imana. Mu mubiri yarishwe, ariko Mpwemu Yera amusubiza ubugingo. Gade chapit laBibliya Yera 1951 1967 (Burundi)18 Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu: Gade chapit la |
Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.