Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 3:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ahubwo mu mitima yanyu mwubahe Kristo nk’Umwami. Kandi igihe cose mwame mwiteguye kwishurana ubugwaneza no kwubaha umuntu wese ababajije ivyerekeye ivyizigiro vyanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya,

Gade chapit la Kopi




1 Petero 3:15
34 Referans Kwoze  

Ibiyago vyanyu bibe vyuzuyemwo ubuntu, birunzwe umunyu, kugira ngo mumenye uko mwishura umuntu wese.


babonye ubugwaneza no kububaha bigaragara mu buzima bwanyu.


ukwizera n’ubumenyi bishingiye ku vyizigiro vy’ubugingo budashira turi kumwe n’Imana idapfa, ubwo twasezeraniwe isi itarabaho,


Imana yahisemwo kumenyekanisha mu Banyamahanga ubutunzi n’ubwiza bw’iryo banga; iryo banga ni Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vy’ubwiza.


Ni co gituma dukwiye guhindukirira inyigisho z’abakuze, tukava ku nyigisho za mbere z’ivy’ubutumwa bwa Kristo. Ntidukwiye gusubira gushiraho amatanguriro y’ivyo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, ivyo kwizera Imana,


Ukwo kwizera n’urwo rukundo vyubakiye ku kwizigira ivyo Imana ibabikiye mw’ijuru. Ivyo vyizigiro na vyo mwabikuye mw’ijambo ry’ukuri mwumvise, ari ryo Butumwa Bwiza.


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.


Ariko mwambare ubwiza buva imbere muri mwebwe, budatituka ari bwo kugira umutima mwiza kandi utuje. Ubwo ni bwo bwiza bufise igiciro kinini imbere y’Imana.


Mwibuke ko Data wo mw’ijuru, uwo musenga, adaca urwa nkunzi, hanyuma bitume mubaho muyitinya kandi muyubaha mu gihe musigaje kuba kuri ino si mubako nk’ingenzi.


Pawulo ariko aravuga ku vy’ukugororoka, ku vy’ukwirinda no ku ivy’urubanza rugiye kuza, Felisi aca aratinya, aca amubwira ati: “Niwigire, ivyo biramaze. Ninaronka akandi karyo keza nzosubira ndagutumeko.”


Pawulo arishura ati: “Ndi Umuyuda w’i Taruso muri Kilikiya, umunyagisagara kidasanzwe. Ndakwinginze unyemerere ngire ico mbwira aba bantu.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite