Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:9
50 Referans Kwoze  

Yatugize ubwami bw’abaherezi bo gukorera Imana ari yo Se. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe vyose! Amen.


Wabagize abami n’abaherezi bo gukorera Imana yacu, kandi bazoganza kw’isi.”


Kuko Imana ni yo yadukijije, iduhamagarira kubaho ubuzima bwejejwe. Ivyo ntiyabikoze kuko twari tubibereye, ariko ni ku bw’umugambi wayo n’ubuntu bwayo. Ubwo buntu twabuherewe muri Kristo Yesu ibihe bitarabaho,


Kandi namwe muri amabuye afise ubugingo Imana iriko irubakisha urusengero rwayo rw’impwemu, kugira ngo mube abaherezi bayo bera, batanga ibimazi vy’impwemu biyihimbara, biciye muri Yesu Kristo.


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’


Barahiriwe kandi ni abera abazoba muri iryo zuka rya mbere. Urupfu rwa kabiri nta bubasha ruzobagirako, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazoganzanya na we imyaka igihumbi.


Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.


Yaradukijije adukura mu bubasha bw’umwijima, adushira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda.


Nihagira uwusambura ingoro y’Imana, Imana na yo izomurandura, kuko ingoro y’Imana yejejwe, kandi iyo na yo akaba ari mwebwe.


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Ndabandanya kugira ngo nshike ku mpera y’umuhamagaro, hanyuma ndonke impera yo mw’ijuru, iyo Imana yaduhamagariye muri Kristo Yesu.


abantu bahora bicaye mu mwijima, babonye umuco mwinshi, kandi ababa mu gihugu c’igitutu c’urupfu, umuco warabarasiye.”


Imana Data yabamenye kuva kera irabatoranya, Mpwemu wayo arabeza kugira ngo mwumvire Yesu Kristo mwogejwe n’amaraso yiwe: Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye.


kugira ngo uboneshereze abari mu mwijima n’abari mu gitutu c’urupfu, wongere urongorere intambuko zacu mu nzira y’amahoro.”


Kandi natwe turi muri abo yatoranije, bamwe ibakuye mu Bayuda abandi ibakuye mu Banyamahanga.


Agiripa aca abaza Pawulo ati: “Wibaza ko mu kanya gato nk’aka woshobora kuntahuza nkaba Umukristo?”


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda.


Uwo Mpwemu ni ingwati y’Imana yemeza ko tuzohabwa umugabane twasezeraniwe kandi ko yatuguze ngo tube abantu bayo. Ivyo yabikoze kugira ngo tuyishime kandi tuyihe icubahiro.


Ku bwabo ndiyeza, kugira ngo na bo bezwe mu kuri.


icubahiro kibe icayo mw’ishengero no muri Kristo Yesu uhereye ibihe vyose, kugeza ibihe bidashira! Amen.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite