Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo: “Raba ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ry’igiciro kandi ryatoranijwe, uwumwizera ntazokwigera amaramara.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kuko mu vyanditswe harimw’ aya majambo, ngo Rāba, ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ryatoranijwe, riri n’igiciro, Kand’ ūryizera ntazomāramāzwa.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:6
27 Referans Kwoze  

Nimwegere Umwami, ni we buye rifise ubugingo ryagawe n’abantu ariko ryatoranijwe n’Imana.


Mwubatswe kw’itanguriro ry’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.


Mbega ntimurasoma aya majambo yo mu Vyanditswe avuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bagaye, ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.


Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Umuntu wese amwizera ntazokwigera amaramara.”


Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi bifise akamaro ko kwigisha ukuri, guhambarira abari mu bibi, gusubiza mu nzira nziza, no gutoza indero nziza mu bugororotsi,


Uwunyizera wese, inzuzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu mutima wiwe, nk’uko Ivyanditswe bivuga.”


Abantu isinzi bari aho babiraba; abakuru b’Abayuda na bo bamucokora, bavuga bati: “Yakijije abandi, niyikize na we turabe, ko yigira ngo ni Kristo, Uwatoranijwe n’Imana.”


“Ng’uwu umukozi wanje natoranije, uwo nkunda kandi umutima wanje unezerererwa. Nzomushirako Mpwemu wanje, na we azomenyesha amahanga ivy’ubutungane.


Ni ko yama yandika mu makete yiwe yose, aho avuga kuri ibi. Amakete yiwe arimwo ibintu bigoye gutahura, ivyo abatazi vyinshi n’abatagira uburagamo bagoreka, nk’uko babigira no ku bindi Vyanditswe, ari vyo bizotuma bahona.


Ikirengeye vyose, mumenye ko ata kuvugishwa kwo mu Vyanditswe gushobora gusigurwa nk’uko umuntu yigombeye.


Kuva isi itararemwa, Imana yari yaramaze kudutoranya muri Kristo, kugira ngo tube abejejwe batagira ico bagawa mu nyonga zayo. Kubera urukundo rwayo,


ababwira ati: “Bene Data, Ivyanditswe vyategerezwa gushika kuri Yuda, umwe yaza arongoye abaje gufata Yesu. Ivyo Mpwemu Yera yari yarabivuze kera aciye kuri Dawidi.


Yesu aca arabitegereza, arababaza ati: “None aya majambo yo mu Vyanditswe akurikira asobanura iki: ‘Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.’


Kandi ngo: “Ni ibuye ritsitaza, n’urutare rugwisha.” Batsitara kuko batumvira ubutumwa bari barateguriwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite