Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Kuko nimba mwihanganiye guhanwa muhorwa gucumura, n’irihe teka ivyo vyobatera? Ariko nimba mubabazwa muhorwa kuba mwakoze ivyiza hanyuma mukihanganira iyo mibabaro, Imana irabanezererwa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Mwokwihanganira gukubitwa ibipfunsi muhōwe icaha, mwokwihaya iki? Ariko mwokwihanganira kubabazwa muhōwe gukora neza, ivyo ni vyo bishimwa ku Mana.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:20
14 Referans Kwoze  

Kuko Imana inezerezwa no kubona mukora ibigororotse kandi mwihanganira imibabaro iyo murenganywa muzira kuyubaha.


Mwibuke ko ari vyiza kubabazwa uhorwa gukora ivyiza nimba ari vyo Imana ishaka kurusha kubabazwa uhorwa gukora ibibi!


Ariko naho mwobabazwa muhorwa gukora ivyiza, Imana izobibahezagirira. “Ntimugatinye abantu kandi ntimugahagarike imitima yanyu.”


Nimwakunda ababakunda gusa, muzoba murushije iki abandi? Mbega abanyavyaha bo ntibakunda ababakunda?


Nimwaramutsa incuti zanyu gusa, ni igiki muzoba murushije abandi? Mbega abatizera Imana bo ntibabigenza batyo?


Gushika n’ubu turasonza kandi tukanyoterwa, ntitugira ico twambara, turakubitwa, kandi ntitugira aho tuba.


Bamwe batangura kumucirako; bamupfunga amaso, bamukubita ibipfunsi, bavuga bati: “Vugishwa, utubwire uwugukubise!” Hanyuma ba barinzi baca baramujana, bamukubita amakofe.


Hanyuma baca bamucira mu maso, bamukubita ibipfunsi, abandi bakamukubita amakofe,


Ubu mfise ivyo nkeneye vyose, ndetse n’umusesekara, kuko naronse ingabire nyishi mwarungikanye Epafurodite. Zimeze nk’amavuta amotesha neza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana.


kandi mumenye ibihimbara Umwami ivyo ari vyo.


Kugira ishaka ryo kubakorera ivyiza, ni vyiza mu gihe intumbero ari nziza, ariko baze bame bameze gutyo ntibabikore gusa mu gihe ndi kumwe namwe honyene.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite