Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ku bw’Umwami wacu, mwubahe ababaganza: umukuru w’igihugu kuko ari we ari hejuru ya bose,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kubg’ Umwami wacu, ubukuru bgose bgashizweho n’abantu mubugamburukire: ar’ umwami, kukw ari we gaheta;

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:13
13 Referans Kwoze  

Wame wibutsa abantu kwubaha abatware n’abategetsi, kugamburuka no gukora ivyiza.


Aca ababwira ati: “Nuko rero, ivya Kayisari mubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”


Na we asubizayo ati: “Ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana.” Maze iyo nyishu irabatangaza cane.


Baramwishura bati: “Ni ivya Kayisari.” Aca ababwira ati: “Nuko rero ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”


Izohana canecane abakurikira ivyipfuzo biva muri kamere k’imibiri yabo bagakengera ukuganza kwayo. Abo bantu ni intagondwa n’abanyabwibone, kandi ntibatinya no gutuka ivy’icubahiro vyo mw’ijuru;


Umwe wese agamburukire mugenziwe abitewe no kwubaha Kristo.


Mwubahe umuntu wese, mukunde bene Data, mutinye Imana, mwubahe umwami.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite