Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 1:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ni co gituma mukwiye kunezerwa, kuko naho ubu mutegerezwa kwihanganira imibabaro y’uburyo bwinshi ariko y’akanya gato, mu nyuma hari umunezero mwinshi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ivyo murabinezererwa cane, nah’ ubu ar’ igihe gito mubabazwa n’ibibagerageza vyinshi, kuko bitobura kuza:

Gade chapit la Kopi




1 Petero 1:6
47 Referans Kwoze  

Bene Data, munezerwe cane, igihe cose muhuye n’ibibagerageza vy’uburyo bwinshi,


Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.


Ivyizigiro vyanyu bitume mugumana umunezero. Mwihanganire imibabaro kandi mushishikare gusenga.


Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.


Muze munezerwe kandi muhimbarwe kuko impera yanyu izoba ari nini mw’ijuru. Uko ni ko bahamye abavugishwa n’Imana babitangiye imbere.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


Ni ko bimeze no kuri mwebwe: Iki ni igihe canyu c’umubabaro, ariko nitwasubira kubonana imitima yanyu izonezerwa, kandi nta n’umwe azoshobora kubatwara umunezero wanyu.


Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe n’imitwaro, ndabaruhura.


Kandi si ivyo vyonyene, ubu dufise umunezero kubera imigenderanire myiza dufitaniye n’Imana kuko Umwami wacu Yesu Kristo yatwujuje na yo.


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Ariko ntimunezerwe n’uko impwemu mbi zibumvira, ahubwo munezerwe n’uko amazina yanyu yanditse mw’ijuru.”


Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.


Mubabare mugandare kandi muboroge kubera ivyo mwakoze. Ibitwengo vyanyu mubihindure ikigandaro kandi n’umunezero wanyu muwuhindure umubabaro.


Kuko imibabaro yacu naho ari mito kandi y’akanya gato, ituzanira ubwiza bw’akaburarugero kandi buzokwamaho.


Abizera kandi bakenye barafise ico bakwiye kwishimira, kuko Imana yabashize hejuru.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Turababazwa mu mitima ariko twamana umunezero. Dufatwa nk’abakenye ariko dutungishije benshi. Tuboneka nk’aho ata co dufise ariko dufise vyose.


Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.


Mwame munezerewe mu mwami, ndabisubiyemwo ubugira kabiri: nimunezerwe.


Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa,


umutima wanje wuzuye intuntu n’umubabaro udahera


Ndamurungitse kuko abakumbuye cane kandi ahagaritswe umutima n’uko mwumvise ko yarwaye.


Wa mumarayika aca ababwira ati: “Ntimutinye kuko ndabazaniye inkuru nziza y’umunezero mwinshi ku bantu bose.


kandi impwemu yanje inezererewe Imana yo Mukiza wanje,


Ahitana Petero na bene Zebedayo, hanyuma atangura kugira umubabaro mwinshi n’agahinda.


Mwibuke ko ari vyiza kubabazwa uhorwa gukora ivyiza nimba ari vyo Imana ishaka kurusha kubabazwa uhorwa gukora ibibi!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite