Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 1:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Murazi ko mwacunguwe mukava mu buzima butagira ikimazi, ubwo mwarazwe na ba sogokuruza. Iyo ncungu si ibintu bishira nk’ifeza canke inzahabu,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Muzi yukw ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z’imburakimazi mwatojwe na ba sogokuruza atar’ ibishira, nk’ifeza cank’ izahabu,

Gade chapit la Kopi




1 Petero 1:18
28 Referans Kwoze  

kuko mwaguzwe igiciro kinini. Nuko rero mwubahishe Imana imibiri yanyu.


Mwaguzwe igiciro kinini; nuko rero ntimukabe abaja b’abantu.


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Uwo Kristo ni we yatanze ubugingo bwiwe ku bw’ivyaha vyacu, nk’uko Imana Data wa twese yari yarabigomvye, kugira ngo adukize iki gihe kibi turimwo.


Nuko ndababwira ibi kandi ndabihanikiriza mw’izina ry’Umwami: ntimukwiye kuguma mubaho nk’uko Abanyamahanga babaho, mu gukurikiza ivyiyumviro vyabo bitagira ikimazi.


Ariko naho bamenye Imana, ntibayubashe nk’Imana canke ngo bayishime uko bikwiye, ahubwo ivyiyumviro vyabo vyabandanije kuba bibi, imitima yabo itagira ubwenge yuzura umwijima.


Muri kahise mwamaze umwanya munini mukora ivyo abapagani bakunda gukora: ubusambanyi, kwipfuza, kuborerwa, ivy’isoni nke no gusenga ibigirwamana.


Iyo mibabaro iriho kugira ngo ipime ukwizera kwanyu yerekane ko ari ukw’ukuri. Kurya inzahabu ishira igeragereshwa umuriro kugira ngo igaragare ko ari iy’ukuri, ni ko biri no ku kwizera kwanyu. Gufise agaciro kanini cane kurusha ak’inzahabu, ni co gituma gupimwa kugira ngo nikwamara kurama, kuze kubazanire ubwiza, gushimwa n’icubahiro ku musi Yesu Kristo azohishurirwa isi yose.


Ahandi na ho handitswe ngo: “Umwami Imana arazi ivyiyumviro vy’uwigira umunyabwenge, kandi arazi ko ari ubusa gusa.”


Kristo yinjiye Ahera h’Ahera rimwe rizima, atitwaje amaraso y’impene canke ay’impfizi z’inka yo gutanga nk’ikimazi, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite. Uko ni ko yaturonkeye ugucungurwa kw’ibihe vyose.


Murazi ko Yesu Kristo yaje gukuraho ivyaha vyacu; kandi muri we nta caha kihaba.


Mbega ni ikihe kintu c’agaciro umuntu yotanga kugira ngo acungure ubugingo bwiwe?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite