Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 1:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ivy’ako gakiza, abavugishwa n’Imana ba kera, ari bo bavugishijwe ivyerekeye ubwo buntu mwagira muhabwe, baragerageje kubirondera no kubimenya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ivy’ ako gakiza, abāvugishwa n’Imana, ari bo bāvuze ubuntu mwāgira muze muhabge, bārabirondera, bārabisesa,

Gade chapit la Kopi




1 Petero 1:10
24 Referans Kwoze  

Kuko ndababwire ukuri, abavugishwa n’Imana n’abagororotsi benshi baripfuje kubona ivyo muriko murabona ariko ntibabibona, no kwumva ivyo muriko murumva, ntibavyumva.


Kuko ndababwira ko abavugishwa n’Imana n’abami benshi bipfuje kubona ivyo muriko murabona ntibabibona, bipfuza no kwumva ivyo muriko murumva, ntibavyumva.”


Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Umugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,


Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,


Aba bantu bose bapfuye bacizeye ivyo Imana yasezeranye. Ntibaronse ivyo basezeraniwe, ariko barabibona biri kure bakabinezerererwa; bakemera ko ari abanyamahanga n’ingenzi kw’isi.


Abavugishwa n’Imana bose baramushingira intahe ko uwumwizeye wese azoharirwa ivyaha mw’izina ryiwe.”


Na bo baramwishura bati: “Mbega nawe uva i Galilaya? Urasoma neza Ivyanditswe uzobona ko ata wuvugishwa n’Imana ava i Galilaya!” [


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Umwana w’Umuntu agiye gupfa nk’uko Ivyanditswe bivuga. Ariko aragowe uwo muntu amugurishije! Vyari kumubera vyiza iyo atavuka!”


Mpwemu wa Kristo yari muri bo yaguma avuga ivyerekeye imibabaro ya Kristo n’ubwiza buzoyiherukira bitaraba; na bo bagashaka kumenya igihe ivyo bizoshikira n’uko bizogenda.


Abantu b’i Beroya bari bugurutse kurusha ab’i Tesalonike, kuko bakiriye Ubutumwa Bwiza n’ishaka ryinshi, bakama basesangura Ivyanditswe ku musi ku musi, kugira ngo barabe ko ivyo Pawulo abigisha ari ivy’ukuri.


Kuko Imana yari idufitiye iciyumviro kiruta ibindi kuba ciza. Intumbero yayo kwari uko bashikira ugutunganywa rwose bari kumwe natwe.


Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.


Nuko rero mwame mugavye kandi mwirinde. Ivyizigiro vyanyu vyose mubishire ku buntu muzohabwa igihe Yesu Kristo azohishurirwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite