4 Mbega sinemerewe guhabwa ivyokurya n’ivyo kunywa?
4 mbega ntitwemererwa kurya no kunywa?
Ntitwigeze na rimwe turondera guhabwa icubahiro n’abantu, baba mwebwe, canke uwundi muntu uwo ari we wese, naho nk’intumwa za Kristo twari twemerewe kugira ivyo tubasavye dukoresheje ububasha dufise.
Muze mugume muri iyo nzu nyene, mufungura kandi munywa ivyo babahaye, kuko umukozi wese abereye impembo yiwe. Ntimuze muve mu nzu muja mu yindi.
Nta nkeka, bene Data, ko mwibuka uburuhe n’ukubabazwa vyacu; ingene twakora ijoro n’umurango kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe turemera igihe twariko tubabwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana.
Uwigishijwe Ijambo ry’Imana, akwiye gusangira ivyiza vyose afise n’uwarimwigishije.
Ntimwiremereze amasakoshi y’impuzu canke ibirato vyo gukuranya; mbere ntimwitwaze n’inkoni yo kwishimikiza. Kandi, ntimwanke guhabwa indaro, kuko umukozi wese aberwa n’impembo.
Sinigeze nipfuza ifeza, inzahabu canke impuzu vy’umuntu n’umwe.
Iki ni co nireguza ku bancira imanza.