Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 9:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Mbega sindi uwidegemvya? Mbega sindi intumwa? Mbega siniboneye Yesu Umwami wacu amaso mu yandi? Mbega ntimuri ivyamwa vy’ibikorwa nakoreye Umwami?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mbega sind’ uwidegemvya? Sind’ intumwa? Sinabonye Yesu Umwami wacu? Namwe ntimur’ igikorwa canje mu Mwami?

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 9:1
37 Referans Kwoze  

Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.”


Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.


Jewe nabivye imbuto, Apolo na we arazivomera, ariko Imana ni yo yazikujije.


Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”


Akigenda, yegereje i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru umurasirako giturumbuka impande zose.


N’aho ndi uwidegemvya nkaba ntajakariye umuntu n’umwe, nigira umugurano ku bantu bose kugira ngo nshobore kuzana benshi kuri Kristo.


Kandi Imana yantoranirije kuba umuvuzi w’ubwo Butumwa Bwiza, nk’intumwa n’umwigisha.


Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe.


None rero ko dukorana n’Imana, turabinginga ngo ntimupfishe ubusa ubuntu bw’Imana.


Ndabandikiye jewe Pawulo, umugurano wa Kristo Yesu, nahamagariwe kuba intumwa, ntoranirizwa kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Imana,


Jewe Pawulo intumwa, ntatumwe n’abantu kandi bidaciye ku muntu n’umwe, ariko natumwe na Yesu Kristo n’Imana Data yamuzuye mu bapfuye,


Ntitwigeze na rimwe turondera guhabwa icubahiro n’abantu, baba mwebwe, canke uwundi muntu uwo ari we wese, naho nk’intumwa za Kristo twari twemerewe kugira ivyo tubasavye dukoresheje ububasha dufise.


Nibaza ko abo mwibaza ko ari intumwa zikomeye ata co bansumvya.


Jewe Pawulo nahamagariwe kuba intumwa ya Kristo Yesu bivuye ku gushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Sositene,


Ni mwebwe Banyamahanga ndiko ndabwira kuko Imana yampamagariye kuba intumwa mu Banyamahanga. Ico gikorwa ndakinezererewe,


Imana yangiriye ubuntu biciye muri we, impa kuba intumwa ku bw’icubahiro ciwe, kugira ngo nshobore gushikana Abanyamahanga ku kuyizera no kuyumvira.


Ariko Pawulo na Baranaba bavyumvise, bitabagurirako impuzu, birukanka mu bantu basemerera bati:


Maze abantu bo muri ico gisagara bicamwo imigwi, bamwe begamira Abayuda, abandi begamira intumwa.


Bariko barasenga Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera ababarira ati: “Ntoraniriza Baranaba na Sawuli, bankorere igikorwa nabahamagariye.”


Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli.


Na we arabaza ati: “Uri nde ga Mwami?” Rya jwi na ryo riti: “Ndi Yesu, uwo uriko urahama.


Nta co bitwaye kuri mwebwe, ariko hari ico vyica kuri uwo yabibabwiye. Umwidegemvyo wanje ntukwiye kuba igitsitaza ku bandi.


Iyo ndabiriyeko nshimira Imana, kubera iki abantu bancira imanza kuri ivyo vyokurya nashimiye Imana?


Ariko nimba hariho uwufise ibihari kuri ibi, nobabwira ko ata wundi mugenzo atari uwo, kandi n’ayandi mashengero y’Imana ni wo akurikiza.


Nimurabire ku biboneka. Abavuga ko ari aba Kristo bategerezwa kumenya ko natwe turi aba Kristo co kimwe na bo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite