Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 8:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 None rero ku bijanye n’ivyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa ngaha kw’isi, kandi ko hari Imana imwe gusa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuko, ku vyo kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, turazi yukw igishushanyo atar’ ikintu mw isi, kandi yukw ata mana yindi iriho, atar’ Imwe.

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 8:4
33 Referans Kwoze  

Kuko hari Imana imwe, hakaba n’umuhuza umwe hagati y’Imana n’abantu, uwo na we ni umuntu, Kristo Yesu.


kandi hari Imana imwe, ni yo Data wa twese, iri hejuru ya bose, igakorera muri bose kandi ikaba muri bose.


Yesu aramwishura ati: “Ibwirizwa riruta ayandi yose ni iri: ‘Umviriza yewe Isirayeli! Uhoraho Imana yawe, ni yo Mana imwe rudende.


Ni yo Mana yonyene n’Umukiza wacu. Icubahiro, ubukuru, inkomezi n’ububasha bibe ivyayo, biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu, uhereye kera hose, ubu no gushitsa ibihe bidashira! Amen.


Mbega umuntu w’umunyantege nke niyabona wewe umusumvya ugutahura uriko ararya ivyo mu nzu y’ibigirwamana, ntibizotuma abirya na we kubera intege nke ziwe?


Ku bijanye n’ivyashikaniwe ibigirwamana, ndazi ko twese dufise ico tubiziko. Ariko ubumenyi butuma umuntu yishira hejuru; urukundo ni rwo rwubaka.


None murumva ingene wa mugabo Pawulo yemeje abantu, akazimiza benshi muri Efeso, ndetse no muri Aziya yose. Avuga ko imana zikozwe n’abantu atari imana na mba.


“Mbega bagenzi, ivyo bintu mubikorera iki? Erega turi abantu nka mwebwe! Twabazaniye Ubutumwa Bwiza, bubabwira guhindukira mukava mu bitagira ikimazi, mukaza ku Mana nzima, yaremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose.


Icubahiro n’ubwiza bibe ivy’Umwami ahoraho, adapfa, ata boneka, we Mana imwe yonyene, ibihe bidashira. Amen.


Ahubwo dukwiye kubandikira, tukabwira ko bokwirinda kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, bakirinda ingeso mbi z’ubusambanyi, kutarya ibikoko vyanizwe, n’amaraso.


Nuko rero, uwo mwene Data w’umunyantege nke Kristo yapfiriye, ntimumuranduze ugutahura kwanyu.


Kera, mutaramenya Imana, mwari mujakariye ibigirwamana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite