Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 8:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Mbega umuntu w’umunyantege nke niyabona wewe umusumvya ugutahura uriko ararya ivyo mu nzu y’ibigirwamana, ntibizotuma abirya na we kubera intege nke ziwe?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kuk’ umuntu iy’ akubonye, wewe wahawe gutahura, wicaye urīra mu rusengero rw’ikigirwamana, umutima w’uwo, iy’ adakomeye, mbega ntuzorinduka, akarya ivyaterekerejwe ibigirwamana?

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 8:10
13 Referans Kwoze  

None rero ku bijanye n’ivyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa ngaha kw’isi, kandi ko hari Imana imwe gusa.


Ariko iyo umuntu agikekeranya ku bijanye no kurya canke kureka kurya ikintu kanaka, iyo abirenzeko akakirya, aba yihamagariye gutsindwa n’urubanza, kuko ataba yemezwa neza ko ivyo ari vyo yari akwiye gukora. Ikintu cose umuntu akora kitavuye ku kwizera kimubera icaha.


Ariko abizera bose ntibamenye ibi. Bamwe baramenyereye ibigirwamana gushika aho n’ubu, iyo bariye ivyashikaniwe ivyo bigirwamana, bumva umenga basenze imana zifise ubugingo, gutyo imitima yabo igahumana kubera intege nke zabo.


Ndazi neza ntakekeranya, nemejwe n’Umwami Yesu, ko ata kintu na kimwe gihumanye ubwaco. Ariko nimba hariho umuntu yiyumvira ko ikintu kanaka gihumanye, ico kintu gicika igihumanye kuri we.


Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.


Ahubwo dukwiye kubandikira, tukabwira ko bokwirinda kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, bakirinda ingeso mbi z’ubusambanyi, kutarya ibikoko vyanizwe, n’amaraso.


Ariko mube maso kugira ngo umwidegemvyo wanyu ntube igitsitaza ku banyantegenke.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite