Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 7:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ariko nimba batoshobora kwihangana, bakwiye kwubaka, kuko umuntu yopfuma yubaka aho kwicwa n’ukwipfuza.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ariko namba badashobora kwirinda bābīrane: kuko kwābīrana ari kwiza, kuruta gushuha.

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 7:9
8 Referans Kwoze  

Nohanura rero abapfakazi bakiri bato ko bosubira kurongorwa, bakavyara abana, bagatunganya ingo zabo. Ni ho umwansi atazoronka ico abavugako.


Ariko kubera ubusambanyi buhari, umugabo wese akwiye kugira umugore wiwe, kandi umugore wese akwiye kugira umugabo wiwe.


Na yo abapfakaye bakiri bato, ntuzobashire kuri urwo rutonde. Kuko ukwipfuza kw’umubiri kwabo kwohava kubarengera bakava mu kwiyegurira Kristo bakagomba kurongorwa.


Urongoye nta caha uba ukoze, kandi inkumi irongowe, nta caha iba ikoze. Ariko abarongora bazobona amakuba menshi muri buno buzima, nanje nshaka kuyabarinda.


Umugore aba abohewe ku mugabo iyo akiriho. Ariko umugabo amaze gupfa, umugore aba afise uburenganzira bwo kurongorwa n’uwo ashaka, mu gihe uwo mugabo yubaha Imana.


None rero, umusore niyaba yipfuza cane umukobwa bazokwubakana, agatinya ko azohava amukorera ibidakwiye kuko vyanse ko yihangana, namurongore nk’uko avyipfuza, nta caha azoba akoze.


None rero, ko ivyo atawubihakana, Nimutekane, ntimuhave mukora ivyo mutiyumviriyeko.


Kandi ni uko umwe wese muri mwebwe yobaho aganza umubiri wiwe, yejejwe kandi yihesha agateka,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite