Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 7:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ku bubatse, ntanze iri tegeko, ritavuye kuri jewe ariko rivuye ku Mwami Imana: umugore ntakahukane n’umugabo wiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Abamaze kurongorana, ndabagera, ariko si jewe, n’Umwami wacu, umugore yoye kuvana n’umugabo wiwe;

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 7:10
13 Referans Kwoze  

Ariko jeho ndababwira yuko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amutumye gusambana kandi ko uwurongoye umugore yahukanye, na we aba asambanye.


Umugabo yirukanye umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi mugore aba asambanye, kandi umugabo arongoye umugore yahukanye aba asambanye.


Ariko umugabo atizera canke umugore atizera agomvye kwigira, mumureke yigire. Muri ico gihe uwo mugabo canke uwo umugore yizera ntaba akibohewe ku wo bubakanye atizera, kuko Imana yaduhamagariye kuba mu mahoro.


Abandi na bo, ibi ni vyo ndababwira, ariko ni jewe ubwanje, si Umwami Imana: mwene Data niyaba afise umugore atizera hanyuma uwo mugore agashaka kugumana na we, ntaze amwirukane.


Ku vyerekeye abatararongorwa, nta bwirizwa nahawe n’Umwami, ariko ndababwira ico niyumvira nk’umuntu w’umwizigirwa yagiriwe ubuntu n’Umwami.


Ibi ndabibabwiye nk’impanuro si itegeko ndabahaye.


Ariko jewe niyumvira ko yonezerwa gusumba agumye uko yari ari, kandi nanje ndabahaye iyi mpanuro ndongowe na Mpwemu w’Imana.


Bamwe mu Bafarisayo baraza bagerageza kumutega umutego, baramubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe?”


Ariko bishitse akahukana, ntaze asubire kurongorwa, canke na ho aze asubirane n’umugabo wiwe. N’umugabo na we ntakirukane umugore wiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite