Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 5:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Igihe nabandikira ubwa mbere nari nababujije kwifatanya n’abantu b’ingeso z’ubusambanyi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nabandikiye muri ca cete ko mutivanga n’abasambanyi.

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 5:9
10 Referans Kwoze  

Ntimwifatanye n’ibikorwa vy’impfagusa bikorerwa mu mwijima, ahubwo mubishire ahabona.


Mwitegereze neza uwo wese atumvira ivyo tubabwiye muri rino kete. Mubigire kure kugira ngo bitume bamaramara.


Bene Data, turabageze mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo mwirinde uwitwa mwene Data wese mugabo w’ikinebwe, atagendera mu nyigisho twabahaye.


Ntimukifatanye n’abatizera, kuko ubugororotsi n’ubukozi bw’ikibi nta ho bihurira, kandi umuco n’umwijima nta co bisangiye.


Nimukure rero muri mwebwe umwambiro wa kera, kugira ngo mube igikandu kitagira umwambiro. Mu vy’ukuri ni co muri, kuko Kristo, umwagazi w’intama wa Pasika, yatanzwe nk’ikimazi ku bwacu.


Kandi ikibabaje, aho gutuntuzwa n’ivyo, maze umuntu yabikoze mukamutaramura muri mwebwe, mubandanya mwishira hejuru.


None rero, “Nimuve muri bo, mwitandukanye na bo, ni ko Uhoraho Imana avuze. Ntihagire igihumanye mukorako, nanje nzobiyegereza.”


Simvuga abantu bo mu b’iyi si bagendera mu ngeso z’ubusambanyi, canke ingunge, canke abasuma, canke abasenga ibigirwamana, kuko vyosaba ko muva muri iyi si kugira mushobore kwirinda abantu nk’abo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite