Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 5:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Narumvise ko hari ingeso y’ubusambanyi hagati muri mwebwe, ubusambanyi butaba no mu Banyamahanga: numvise ko hari umugabo yarongoye umugore wa se.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Inkuru yāmamaye hose yuko muri mwebge harih’ ubusambanyi: kand’ ubgo busambanyi butoba no mu banyamahanga, umuntu gucīkiza muka se ngw amwābīre.

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 5:1
32 Referans Kwoze  

Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Namuhaye umwanya ukwiye ngo yihane ariko ntagomba kuva mu ngeso ziwe z’ubusambanyi.


Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.


Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana.


Ibikorwa vya kamere muntu biragaragara, ni ibi: ubusambanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke,


Imana ntiyaduhamagariye kuba abahumanye, ariko ishaka ko tugira ubuzima bwejejwe.


Ndatinya kandi ko aho nzozira Imana izoncisha bugufi imbere yanyu, nkababazwa cane n’uko bamwe muri mwebwe batahevye ivyaha vyabo bakora kuva kera. Ntibihanye ivyonona, ubusambanyi, n’ibindi vy’isoni nke bakora.


Mwirinde ubusambanyi. Ikindi caha cose umuntu akora ntigifata umubiri. Ariko uwusambana aba acumuye ku mubiri wiwe.


Uwundi avuga ati: “Ivyokurya ni ivy’inda, n’inda ni iy’ivyokurya kandi Imana izobirandura vyompi.” Yamara umubiri ntiwaremewe kuganzwa n’ubusambanyi, ariko waremewe kuba uw’Umwami Imana, kandi ni we awitaho.


Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ubusambanyi, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina basangiye,


Ahubwo nababwira kutifatanya n’uwigira mwene Data ariko ari umusambanyi, ingunge, asenga ibigirwamana, avuga nabi abandi, aborerwa, canke yiba. Umuntu nk’uwo ntimukwiye no gusangira ivyokurya.


Muze mwirinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, kandi mwirinde ingeso mbi z’ubusambanyi. Nimwavyirinda muzoba mugize neza. Turabasezeye.


Ahubwo dukwiye kubandikira, tukabwira ko bokwirinda kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, bakirinda ingeso mbi z’ubusambanyi, kutarya ibikoko vyanizwe, n’amaraso.


Intumbero yanje rero ntiyari ukwandika ku bagize nabi canke abagiriwe nabi. Nabandikiye kugira ngo mu nyonga z’Imana umwitwarariko mudufitiye ugaragare.


Bene Data, bamwe bo mu muryango wa Kilowe bambwiye ko hari imitongano muri mwebwe.


Nimba hariho uwabateye umubabaro, si jewe yabikoreye, ni mwebwe mwese yabikoreye, canke bamwe muri mwebwe, kandi aha sindengeje urugero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite