Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 3:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Uwubiba n’uwuvomera bompi bafise intumbero imwe, kandi umwe wese azoherwa impera ku gikorwa yakoze,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ūzitera n’ūzivomera ni bamwe: arik’ umuntu wese azogererwa nk’uko yakoze igikorwa ciwe.

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 3:8
25 Referans Kwoze  

Imana “izoha umuntu wese ingero ikwiranye n’ibikorwa yakoze.”


Mwirinde kugira ngo ntimutakaze ico twakoreye, ahubwo mushishikare kugira ngo muze muhabwe impembo ikwiye.


Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


“Ehe ndaza vuba, nzaniye impera umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwihebere ibikorwa vy’Umwami kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.


Kandi aho Umwungere Mukuru azoserukira, muzohabwa igitsibo c’ubwiza kitazokwigera gitakaza ubwiza.


Kuko Imana ntirenganya ngo yibagire ibikorwa mwakoze canke urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo mu gukorera abizera, kandi mukaba mukibandanya mubikora.


Umwe wese yari akwiye kwisuzuma mu bikorwa vyiwe, kugira ngo asanze yakoze neza bimushimishe, ariko ntabanze kwigereranya n’abandi,


Ibikorwa vyiwe nivyarama, azohabwa impera.


kuko twempi dukorera Imana, namwe muri umurima w’Imana, muri inzu yayo.


Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.


None rero, yaba uwabivye, yaba uwavomeye, bompi nta co bamaze. Imana yonyene ikuza ni yo ihambaye.


Kuko naho mufise abarezi ibihumbi cumi muri Kristo, ntimufise ba so benshi, kuko ni jewe nabavyaje Ubutumwa Bwiza muri Kristo Yesu.


Ni nde yoba umusoda hanyuma agategerezwa kwibeshaho? Ni nde yotera uruzabibu hanyuma ntarye ivyamwa vyarwo? Ni nde yoragira amasho hanyuma ntanywe amata yayo?


kuko umuntu wese akwiye kwikorera umutwaro wiwe.


Shebuja aramwishura ati: ‘Ndaguhaye kurongora ibisagara bitanu.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite