Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 3:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Uwurwubakako wese ashobora gukoresha ibikoresho bitandukanye: inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro, ibiti, ibishakashaka canke ivyatsi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Arikw iryo tanguriro, umuntu ni yaryubakishakw izahabu, cank’ ifeza, cank’ amabuye y’igiciro kinini, cank’ ibiti, cank’ ubgatsi, cank’ ibishakashaka,

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 3:12
33 Referans Kwoze  

Kuko igihe kigiye kuza aho abantu batazoba bacemera inyigisho z’ukuri. Bazokwumviriza ibiryohera amatwi yabo, birundanirize abigisha bazovuga ivyo bashaka kwumva gusa.


bama bakurikira inyigisho nshasha zose, ariko batari bushike ku kumenya ukuri.


Mu nzu nini ntihabamwo gusa ibikoresho bikozwe mu nzahabu canke mw’ifeza, habamwo n’ibikozwe mu biti, no mw’ibumba. Kandi bimwe vyagenewe gukoreshwa ivy’icubahiro, ibindi na vyo vyagenwe gukoreshwa ibikorwa bisanzwe.


Uruzitiro rwari rwubakishijwe ibuye ry’igiciro ryitwa yasipi, igisagara na co cari cubakishijwe inzahabu, kibonerana nk’ibiyo.


Ni co gituma ndaguhanura ngo ungureko inzahabu zivugutiwe mu muriro kugira ngo ube umutunzi. Ungureko imyambaro yera kugira ngo ufuke ubwambure bwawe buteye isoni, ungureko kandi n’umuti wo gusiga ku maso yawe kugira ngo ushobore kubona.


Iyo mibabaro iriho kugira ngo ipime ukwizera kwanyu yerekane ko ari ukw’ukuri. Kurya inzahabu ishira igeragereshwa umuriro kugira ngo igaragare ko ari iy’ukuri, ni ko biri no ku kwizera kwanyu. Gufise agaciro kanini cane kurusha ak’inzahabu, ni co gituma gupimwa kugira ngo nikwamara kurama, kuze kubazanire ubwiza, gushimwa n’icubahiro ku musi Yesu Kristo azohishurirwa isi yose.


Ariko ico nkugaya ni uko hari bamwe muri mwebwe bagikurikira inyigisho za Balamu, uwatumye Balaki kugwisha Abisirayeli mu vyaha, bakarya ivyaterekerewe ibigirwamana bagakora n’ivyaha vy’ubusambanyi.


Ntimukemere kuzimizwa n’inyigisho z’ivyaduka z’uburyo bwose. Inkomezi z’imitima yanyu ziva mu buntu bw’Imana, ntiziva mu mategeko ajanye n’ivyokurya, kuko bidashobora gufasha ababikurikiza.


Ariko abanyakibi bazoshika kure mu bibi vyabo. Bazozimiza benshi kandi na bo ubwabo bazokwizimiza.


Abigisha inyigisho zidahuye n’ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yigishije ari vyo bizana ukugororoka,


Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abagira inyagano akoresheje amajambo y’uruhendo, yubakiye ku migenzo y’abantu hamwe n’ivya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ariko atari ivya Kristo.


Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo.


Bene Data, ndabinginga ngo mwirinde ababigisha inyigisho zo kubacanishamwo no kuzimiza abizera zitandukanye n’izo mwigishijwe. Abameze gutyo mubigireyo.


No muri mwebwe nyene hari abazokwadukana inyigisho zo kugoramika ukuri kugira ngo bikwegereko abigishwa.


Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.


Kuko ata wushobora gushiraho urundi rufatiro atari urwo nashizeho, ari rwo Yesu Kristo.


Ariko umusi w’imanza uzogaragaza igikorwa c’umwe umwe wese kuko uzohishuranwa n’umuriro, kandi uwo na wo uzokwerekana agaciro k’igikorwa c’umuntu wese.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite