Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 3:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Kubera ubuntu nagiriwe n’Imana, nashizeho urufatiro nk’umwubatsi w’umuhinga, hanyuma haza uwundi na we akaba ariko ararwubakako. Ariko uwurwubakako wese yiyubare uburyo arwubakako.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Nk’uko nahawe ubuntu n’Imana, nashizeh’ itanguriro, nk’umwubakisha mukuru w’ubgenge, uwundi yubakako. Arik’ umuntu wese ni yiyubare uko yubakako.

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 3:10
37 Referans Kwoze  

Kuko ata wushobora gushiraho urundi rufatiro atari urwo nashizeho, ari rwo Yesu Kristo.


Mwubatswe kw’itanguriro ry’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.


Ico namye nipfuza kwari ukuvuga Ubutumwa Bwiza ahantu izina rya Kristo ritarigera rivugwa, kugira ngo sinubake ku rufatiro rwashizweho n’uwundi muntu.


Mbega umukozi w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira ku mwanya.


Umushinge w’uruzitiro rw’ico gisagara wari ushazishijwe n’amabuye y’agaciro y’ubwoko bwose. Irya mbere ryari yasipi, irya kabiri safiro, irya gatatu kalukedoni, irya kane simaragido,


N’aho ntoba intumwa ku bandi, kuri mwebwe ndi yo. Namwe ubwanyu muri icemeza uko ndi intumwa y’Umwami.


Nuko rero, umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro, ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare;


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara nk’uwemewe imbere y’Imana, nk’umukozi anezerererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri.


Mumbwirire Arukipo muti: “Gira ibishoboka vyose ushitse igikorwa wahawe n’Umwami.”


Nisunze ubuntu nahawe n’Imana, ndahanuye umuntu wese muri mwebwe ngo ntiyifate uko atari mu kwiyumvira ko ari uwuhambaye, ariko yicishe bugufi mu kwifata uko ari, yisunze urugero rwo kwizera Imana yamuhaye.


Imana yangiriye ubuntu biciye muri we, impa kuba intumwa ku bw’icubahiro ciwe, kugira ngo nshobore gushikana Abanyamahanga ku kuyizera no kuyumvira.


Apolo yipfuje kuja muri Akaya, bene Data bamutera intege, batako bandikira ikete abigishwa baho kugira baze bamwakire. Ashitseyo agirira ikimazi kinini abari barizeye ku bw’ubuntu bw’Imana,


None rero wiyubare umuco wibaza ko uri muri wewe ntusange ari umwijima.


Bene Data, ntihakabeho benshi bipfuza kuba abigisha, kuko muzi ko twebwe twigisha tuzocirwa imanza zikomeye kuruta iz’abandi.


Wame wiyubara ku buzima bwawe, no ku vyo wigisha. Ubigiremwo umwete, ni ho uzokiza ubuzima bwawe n’ubw’abakwumva.


Ni co gituma nkora nkaruha cane, nkagwanisha ubushobozi bwiwe bwinshi bukorera muri jewe n’inkomezi.


Ariko ndabandikiye kuri bimwebimwe nshize amanga nk’uwubibutsa kubera ubuntu Imana yangiriye


Na we arabishura ati: “Mwiyubare ntihagire umuntu n’umwe abazimiza. Kuko benshi bazoza biyita izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi ngo: ‘Igihe kirashitse.’ Ntimuze mubakurikire.


Uruzitiro rw’ico gisagara rwari rwubakiye ku mabuye cumi n’abiri y’urufatiro, ari zo ntumwa z’Umwagazi w’intama.


Kandi ntidushobora no kwirata ngo turondere kwemerwa ku bw’ibikorwa vyakozwe n’abandi. Ivyizigiro vyacu ni uko ukwizera kwanyu kuzobandanya gukura, igikorwa cacu muri mwebwe kikaguka,


duca tubarungikira Timoteyo ngo abagendere. Ni mwene Data akorera Imana hamwe natwe mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bwa Kristo. Tumurungitse kugira ngo abakomeze, yongere abaremeshe mu kwizera kwanyu,


Mumenye ko ukwihangana kw’Umwami wacu ari agakiza, nk’uko umuvukanyi dukunda Pawulo na we yabibandikiye akoresheje ubwenge yahawe n’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite