Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 3:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Bene Data, igihe nari kumwe namwe sinabigishije nk’uko nokwigisha abantu bakuze mu Mpwemu, nabigishije nk’abantu basanzwe bo mw’isi, nk’abana bato mu vy’ukwizera Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kubganje, bene Data, sinashoboye kubabgira nk’ab’ impwemu, ariko nababgiye nk’abaganzwa n’akameremere k’imibiri yabo, nk’abana b’inzoya bo muri Kristo.

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 3:1
11 Referans Kwoze  

Uwukinywa amata aba akiri umwana, nta co aba aramenya mu vyo kugororoka.


Ariko ku bakuze mu kwizera, ubutumwa tuvuga ni ubw’ubwenge: ubwo bwenge si ubw’iki gihe canke ubw’abatware b’iki gihe bazokurwaho.


Bene Data, ntimube nk’abana bato mu gutahura ibi. Mube abana bato ku bijanye n’icaha, ariko mube nk’abakuze mu gutahura ibintu nk’ibi.


Ivyagezwe ubwavyo ni ivy’impwemu, ariko jewe ndi umuntu w’umunyantege nke ajakariye icaha.


Ndabandikiye mwebwe bana bato, kuko mwahariwe ivyaha vyanyu ku bw’izina rya Yesu Kristo.


Bene Data, nihagira uwufatwa ariko akora icaha, mwebwe muhagaze neza muri Mpwemu, mwategerezwa kumufasha gusubira mu nzira nziza mu bugwaneza. Ariko namwe nyene mwirinde cane kugira ngo ntumugeragezwe nka we.


Yesu arahindukira abwira Petero ati: “Mva i ruhande, Satani, herera inyuma yanje! Uri igitsitaza kuri jewe; kuko ibikuraje ishinga si ivy’Imana, ariko ni ivy’abantu.”


Nimba muri mwebwe hari uwibwira ko ari umuvugishwa n’Imana canke afise ingabire za Mpwemu Yera, akwiye kwemera ko ivyo ndabandikiye ari ibwirizwa rivuye ku Mwami Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite