Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 12:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ni co gituma ndababwira ko ata wuvugishwa na Mpwemu w’Imana yovuga ati: “Yesu ni ikivume,” kandi nta wovuga ati: “Yesu ni Umwami,” kiretse abivugishijwe na Mpwemu Yera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ni co gituma mbamenyesha yukw ata muntu avugishwa na Mpwemu w’Imana, avuga ati Yesu n’ikivume: kand’ ata muntu ashobora kuvuga, ati Yesu n’Uhoraho, atabivugishijwe na Mpwemu Yera.

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 12:3
19 Referans Kwoze  

Ntitwibaza ko dushoboye gukora ikintu na kimwe ku bw’inkomezi zacu, ariko Imana ni yo idushoboza gukora vyose.


Niwaturisha akanwa kawe ko Yesu ari Umwami, ukizera mu mutima wawe ko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa.


Munyita ‘Umwigisha n’Umwami,’ kandi ivyo muvuga ni vyo, kuko ni ko biri.


Ariko tuzi ko hari Imana imwe, ari yo Data, yaremye vyose kandi tubayeho ku bwayo. Hari Umwami umwe, ari we Yesu Kristo. Vyose vyaremewe muri we, kandi muri we ni ho twaherewe ubugingo.


Ariko nzobarungikira Umwitsa, ari we Mpwemu w’ukuri azoza avuye kwa Data. Uwo niyaza, azonshingira intahe.


Arababwira ati: “None bishoboka gute ngo Dawidi, avugishijwe na Mpwemu, amwite Umwami? Kuko yavuze ati:


Yesu aramwishura ati: “Ntimukamubuze, kuko nta muntu yokora igitangaza mw’izina ryanje hanyuma ngo agaruke amvuge nabi.


Nimba hariho uwudakunda Umwami, uwo aravumwe. Kaze Mwami!


Kuko iyo hagize uwubigisha Yesu atari umwe twabigisha, canke mukaronka iyindi mpwemu itandukanye n’iyo mwakiriye ubwa mbere, canke mukaronka ubutumwa butandukanye n’ubwo mwemeye ubwa mbere, muravyihanganira.


ku bwa benewacu b’Abayuda. Nopfuma mba ikivume ngatandukana na Kristo, nimba ivyo vyotuma abo mu bwoko bwanje bakizwa.


Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,


Kristo yadukijije umuvumo w’ivyagezwe aho yahinduka umuvumo ku bwacu, nk’uko vyanditswe ngo: “Haravumwe uwubambwe ku giti.”


Nimba jewe, Umwigisha wanyu n’Umwami wanyu, ndabogeje ibirenge, namwe mukwiye kwozanya ibirenge.


Filipo aramwishura ati: “Niwaba wizeye n’umutima wawe wose, urashobora kubatizwa.” Na we arishura ati: “Ndizeye ko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana.”]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite