Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 12:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Murazi ko mukiri abanyamahanga mwazimizwa n’ibigirwamana bitavuga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Murazi yuko mukir’ injabuka mwakwegwa, mukaja ku bigirwamana bitazi kuvuga, nk’uko mwabikwegeweko.

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 12:2
15 Referans Kwoze  

Muri kahise mwamaze umwanya munini mukora ivyo abapagani bakunda gukora: ubusambanyi, kwipfuza, kuborerwa, ivy’isoni nke no gusenga ibigirwamana.


kuko na bo nyene ubwabo bama bavuga ukuntu mwatwakiriye neza, n’ukuntu mwahevye ibigirwamana mugahindukirira Imana nzima kandi y’ukuri.


Kera, mutaramenya Imana, mwari mujakariye ibigirwamana.


Kandi bamwe muri mwebwe bari bameze nk’abo. Ariko mwarogejwe, murezwa, mwongera mwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mw’izina ry’Umwami Yesu Kristo, mubihawe na Mpwemu w’Imana yacu.


Murazi ko mwacunguwe mukava mu buzima butagira ikimazi, ubwo mwarazwe na ba sogokuruza. Iyo ncungu si ibintu bishira nk’ifeza canke inzahabu,


Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’ubwoko bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.


Nimubihoze; ni impumyi zirongora izindi! Kandi iyo impumyi irongoye iyindi, zompi zigwa mu kinogo.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite