Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 11:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ndabashimira cane ko munyibuka mu vyo mukora vyose, kandi mukaba mwarumiye ku nyigisho zanje nk’uko nazibahaye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ndabashima, kuko munyibuka muri vyose, mukagumya ivyo nabashikirije, nk’uko nabibahaye.

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 11:2
12 Referans Kwoze  

None rero bene Data, mushikame, mwumire ku vyo twabigishije, haba mu majambo twababwiye canke mw’ikete twabandikiye.


Ni co gituma nabarungikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda kandi w’umwizigirwa mu Mwami. Azobibutsa ingene mbayeho muri Kristo Yesu, nk’uko ndavyigisha hose mu mashengero yose.


Bene Data, turabageze mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo mwirinde uwitwa mwene Data wese mugabo w’ikinebwe, atagendera mu nyigisho twabahaye.


Ubwo Butumwa ni bwo bubakiza mwumiye ku majambo nababwiye. Ahandi ho ukwizera kwanyu kwoba ari ukw’ubusa.


Mbega ntimufise iwanyu aho mwofungurira mukongera mukanywera? Canke mushaka kwonona urusengero rw’Imana no kumaramaza abakenye? Ndababwire iki? Ndabashime n’ibi bintu mukora? Ntibikabe!


Mu vyo ngira ndababwire, sindabashima na gato, kuko amakoraniro yanyu yuzuyemwo ibibi gusumba ivyiza.


Zakariya na Elizabeti bari abagororotsi imbere y’Imana, kandi bakurikiza ivyagezwe n’amabwirizwa vy’Umwami Imana ata co bahajije.


Ubu rero Timoteyo aherutse kugaruka avuye iwanyu, kandi yatuzaniye inkuru nziza y’ukwizera n’urukundo vyanyu. Yatubwiye ko mugira umunezero iyo mutwibutse, kandi ko mwipfuza gusubira kutubona nk’uko natwe twipfuza gusubira kubabona.


Ariko rero umuntu wese akwiye kubandanya abaho ubuzima Umwami yamuhitiyemwo, no kuguma uko yari ari imbere y’uko Imana imuhamagara. Iri ni ryo tegeko ntanga mu mashengero yose.


Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite