Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 10:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ivyo vyose vyabaye ngo bitubere akarorero kugira ngo imitima yacu ntiyipfuze gukora ivyaha nk’uko babigize.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arikw ivyo vyatubereye akarorero kugira ngo ntitwifuze ibibi, nk’uko ba bandi bāvyifuje.

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 10:6
12 Referans Kwoze  

Kandi mwibuke Sodomu na Gomora n’ibisagara vyari bihakikije. Abantu baho bihaye gukora ivyaha vy’ubuhumbu n’ivy’ubusambanyi vy’ubwoko bwose. Ni co catumye Imana yabatanzeko akarorero mu kubahanisha umuriro udashira.


Ivyo vyashitse kugira ngo bitubere akarorero ko kutuburira, twebwe abo mu gihe ca nyuma.


Muze natwe dukore ibishoboka vyose kugira ngo twinjire aho hantu ho kuruhukira Imana yateguye; ntihagire uwo muri twebwe agwa kubera ukutizera nk’uko vyabaye ku Bisirayeli.


hanyuma kandi nimba yaraciriye kw’iteka ibisagara vya Sodomu na Gomora mu kubihindura umunyota, bigacika akarorero k’ibizoshikira abatubaha Imana;


Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye.


Yamara kuva mu gihe ca Adamu gushika mu gihe ca Mose, abantu bagumye bapfa, mbere n’abatarenze ku cagezwe bahawe n’Imana nka Adamu barapfuye. Uwo Adamu yari ishusho ya Kristo, uwari agiye kuza.


Kuko Kristo atinjiye Ahera h’Ahera hubatswe n’amaboko y’abantu, na kare ihema ryubatswe n’abantu ryari ikigereranyo c’ihema nyakuri riri mw’ijuru. Ahubwo yinjiye mw’ijuru ubwaryo kugira ngo aduserukire imbere y’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite