Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 10:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 banywa no ku kinyobwa kimwe c’impwemu; kuko banyoye ku gitandara c’impwemu cabaherekeza, ico gitandara na co cari Yesu Kristo ubwiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 bose bagasangira vya vyo kunywa vy’ impwemu. Kuko bānywa ku gitandara c’impwemu cabakurikira, ico gitandara cāri Kristo.

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 10:4
23 Referans Kwoze  

Ku musi wa nyuma w’iyo misi mikuru, ari wo uruta iyindi, Yesu arahaguruka avuga n’ijwi rirenga ati: “Uwunyotewe wese naze aho ndi anywe.


ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”


Yesu aramwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabire y’Imana, akamenya n’uwugusavye amazi yo kunywa uwo ari we, wari kumusaba na we akaguha amazi y’ubugingo.”


Ivyo vyari igitutu c’ivyari bigiye kuzoza; ariko ishusho y’ukuri yari umubiri wa Kristo ubwiwe.


Mpwemu w’Imana n’umugeni baravuga bati: “Kaze.” N’uwumvise aya majambo wese avuge ati: “Kaze.” Uwunyotewe wese naze, kandi uwushaka wese naze anywe ku mazi y’ubugingo ku buntu.


Ivyagezwe vya Mose ni ikigereranyo c’ivyiza bigiye kuza; si ukuri kw’ivyo vyiza. Mu gihe c’Ivyagezwe, baguma batanga ibimazi uko umwaka utashe, yamara ivyo bimazi ntivyigeze bishobora gutunganya rwose abegera Imana bayisenga.


Hagari agereranywa n’umusozi Sinayi wo muri Arabiya, akagereranywa kandi n’igisagara ca Yerusalemu kuko ari mu bugurano bw’ivyagezwe, hamwe n’abana biwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite