Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Korinto 1:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ico ngomba kuvuga ni iki: umwe muri mwebwe avuga ngo: “Jewe ndi umwigishwa wa Pawulo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi umwigishwa wa Apolo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi uwa Kefa”; hakaba n’uwundi avuga ati: “Jeho ndi umwigishwa wa Kristo gusa.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ico mvuze n’iki, yuk’ umuntu wese muri mwebge avuga, ati Jeho nd’uwa Paulo; uwundi ati Jeho nd’uwa Apolo; uwundi ati Jeho nd’uwa Kefa; uwundi ati Jeho nd’uwa Kristo.

Gade chapit la Kopi




1 Korinto 1:12
20 Referans Kwoze  

Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).


Ico ngomba kubabwira aha ni iki? Nuko isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu ritashoboye gukurwaho n’inyuma y’imyaka amajana ane na mirongo itatu igihe Imana yaha Mose ivyagezwe. Imana yari kuba irenze amasezerano.


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


Mwibuke bene Data: ababiba bike bimbura bike, kandi ababiba vyinshi bimbura vyinshi.


Ku vyerekeye mwene Data Apolo na we, naramwinginze ngo azanane n’abandi bene Data iwanyu, ariko ntiyipfuje kuza ubwo nyene, azoza niyaronka akaryo keza.


Ico ngomba kubabwira bene Data, ni uko uwu mubiri twambaye utazoragwa Ubwami bw’Imana, kandi ibibora vyose ntibizoragwa ibizohoraho.


kandi ko yiyeretse Kefa, hanyuma yiyereka bamwe cumi na babiri.


Mbega sinemerewe kubana n’umugore yizera nk’uko izindi ntumwa, abavukanyi b’Umwami Yesu Kristo na Kefa babigira?


Bene Data, ico ngomba kuvuga ni uko igihe gisigaye ari gito. Uhereye ubu, abafise abagore ntibiteho cane ivy’ingo zabo gusa,


Bene Data, natanze akarorero kuri jewe no kuri Apolo ku bwanyu, kugira ngo mutwigireko iri jambo rivuga riti: “Ntimukarenge ku vyanditswe;” aho ni ho ata n’umwe muri mwebwe azokwirata kuba umwigishwa w’umwe ngo amurutishe uwundi.


Ico gihe Umuyuda yitwa Apolo, yari yavukiye muri Alegizanderiya, ashika muri Efeso. Yari umuntu azi kuvuga neza, kandi yari afise ubumenyi bwinshi mu Vyanditswe Vyera.


Ariko mwebwe, ntimukemere ko babita Rabi kuko mufise umwigisha umwe, namwe mukaba muvukana.


Apolo akiri i Korinto, Pawulo afata inzira ica mu gihugu hagati, aragenda ashika muri Efeso, ahasanga abigishwa.


Bene Data, bamwe bo mu muryango wa Kilowe bambwiye ko hari imitongano muri mwebwe.


Nimurabire ku biboneka. Abavuga ko ari aba Kristo bategerezwa kumenya ko natwe turi aba Kristo co kimwe na bo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite