Yosuwa 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Baterwa n’abami batanu, Uhoraho abaneshesha urubura 1 Maze Adonisedeki umwami w’i Yerusalemu yumvise ingene Yosuwa yatsinze Hayi akaharandura rwose, akahagirira bo n’umwami waho nk’uko yagiriye Yeriko n’umwami waho, kandi yumvise kw ab’i Gibeyoni bifatanije n’Abisirayeli, bakabana, 2 aratinya cane, kuko Gibeyoni car’ igisagara gihambaye, nk’ah’ ar’ umurwa w’umwami; mbere casumba Hayi, kand’ abantu baho bose bār’ abahizi. 3 Nuko Adonisedeki umwami w’i Yerusalemu aca atuma kuri Hohamu umwami w’i Heburoni, no kuri Piramu umwami w’i Yaramuti, no kuri Yafiya umwami w’i Lakishi, no kuri Debira umwami w’i Eguloni; 4 uti Ni mudūge ino mumufashe, muje gutera ab’i Gibeyoni, kuko bifatanije na Yosuwa n’Abisirayeli. 5 Nukw abo bami batanu b’Abamori, umwami w’i Yerusalemu n’uw’ i Heburoni n’uw’i Yaramuti n’uw’i Lakishi n’ uw’i Eguloni bakoranira hamwe, baradūga, bo n’ingabo zabo zose, basagaza inyuma y’i Gibeyoni, barahatera. 6 Maz’ ab’i Gibeyoni batuma kuri Yosuwa ah’ ari mu nsago i Gilugali, uti Ntuhebe abasavyi bawe, uti Dūga n’ingoga ubatabare, ubavune, uti Kukw abami bose b’Abamori bo mu mugamba bakoraniye hamwe ngo babatere. 7 Nuko Yosuwa ava i Gilugali, adūgana n’ingabo zose n’abahizi bose b’ibishirīra. 8 Uhoraho abarira Yosuwa, ati Ntubatinye, kuko mbagabuye mu maboko yawe: nta muntu n’umwe muri bo azoguhagarara imbere. 9 Nuko Yosuwa abahungira ata co bīnona, kuko yarāye araza ijoro ryose, avuye i Gilugali. 10 Maz’ Uhoraho abaca umuhongo imbere y’Abisirayeli, babicira i Gibeyoni, barabahindikiranya, babakinagiza inzira yose idūga ija i Beti‐horoni, babica ingenda gushitsa i Azeka n’i Makeda. 11 Maze bakiriko barahunga Abisirayeli, bakimanuka bava i Beti‐horoni, Uhoraho arekura imināna ivuye mw ijuru, igenda irabahonda barinda bashika i Azeka. Nuko barapfa: abishwe n’ urwo rubura bāruta abo Abisirayeli bicishije inkota. Izuba rihagarara aho ryari riri umusi wose 12 Ku musi Uhoraho yagabuye Abamori mu maboko y’Abisirayeli, Yosuwa abarira Uhoraho, maz’ avugira imbere y’Abisirayeli, ati Zuba, hagarara kuri Gibeyoni; nawe kwezi, hagarara mu kiyaya Ayaloni. 13 Nukw izuba rica rirahagarara, n’ukwezi kuguma aho kwari kuri, gushitsa ah’ iryo hanga rimariye kwihōra abansi babo. Mbeg’ ivyo si ko vyanditswe mu Gitabo ca Yashari? Mber’ izuba ryagumye mw ijuru hagati, riteba kurenga kumara nk’umusi wose. 14 Kand’ uwo musi nta wigeze guhwana na wo, ari mu yawutanguriye canke mu yawuherukiye, ah’ Uhoraho yumvise gusaba kw’umuntu, kuk’ Uhoraho ari we yarwaniye Abisirayeli. 15 Hanyuma Yosuwa atabarukana n’Abisirayeli bose, bagaruka aho bashagaje i Gilugali. 16 Abo bami ukw ari batanu barahunga, banyegera mw isenga ry’i Makeda. 17 Maze Yosuwa abarirwa inkuru yuko ba bami ukw ari batanu bababonye aho banyegeye, mw isenga ry’i Makeda. 18 Nuko Yosuwa arababarira, ati Genda mutembagaze amabuye manini‐manini, muyugaze umuryango w’iryo senga, muheze muhashire ababarinda. 19 At’ Ariko mwebge ntimuhatebe: mukurikire abansi banyu, mugende murica ab’ indongorongo bo muri bo; ntimubakundire gusubira mu bisagara vyabo, kuk’ Uhoraho Imana yanyu abagabuye mu maboko yanyu. 20 Maze Yosuwa n’Abisirayeli bamaze kubahindikiranya, babatsinze rwose, amasigarira yo muri bo amaze kwitera mu bisagara bizitijwe inzitiro z’amabuye, 21 ingabo zose zigaruka kuri Yosuwa amahoro, aho bashagaje i Makeda. Ntihāba hakigira ūtinyuka kugira ico avuga ku muntu n’umwe mu Bisirayeli. 22 Maze Yosuwa aravuga, ati Ni mwugurure ku muryango w’iryo senga, mukūrey’ abo bami ukw ari batanu, mubanzanire. 23 Bagira nk’uko babariwe, bakūra abo bami mur’ iryo senga ukw ari batanu, barabamuzanira; ni bo aba: umwami w’i Yerusalemu, n’uw’i Heburoni, n’uw’i Yaramuti, n’uw’i Lakishi, n’uw’i Eguloni. 24 Nuko bamaze kubakūrayo, babashīra Yosuwa; Yosuwa ahamagaza abantu bose b’Abisirayeli, abarira abagabisha b’ingabo bajanye na we, ati Ni muze, mukandagire ku mazosi y’aba bami. Nuko baraza, babakandagira ku mazosi. 25 Yosuwa arababarira, ati Ntimutinye, ntimuranduke imitima; mushikame, mushire amanga: kuk’ ukw ari k’Uhoraho azokwama agirira abansi banyu bose muzorwanya. 26 Hanyuma Yosuwa afata abo bami, arabica; araheza abamanika ku biti bitanu: basigara ngaho bēnēna kur’ ivyo biti gushitsa ku mugoroba. 27 Maze ku kirengazuba, Yosuwa avuga ko babamanura kur’ ivyo biti, babaterera muri rya senga bari binyegejemwo, ku muryango waho bahugaza amabuye manini‐manini, kugeza na bugingo n’ubu. 28 Kur’ iryo zuba nyene Yosuwa atsinda i Makeda, ahatōngōza inkota, yica n’umwami waho; abageseza bose iyo bava bakagera, ntiyasiga n’uwa kirazira: mber’ agirira umwami w’i Makeda nk’ uko yagiriye uw’i Yeriko. 29 Hanyuma Yosuwa ava i Makeda, bo n’Abisirayeli bose, batera i Libuna, baraharwanya; 30 Uhoraho agabura ico gisagara na co mu maboko y’Abisirayeli, bo n’umwami waco; Yosuwa atōngōza inkota abahaba bose, ntiyasiga n’uwa kirazira; agirira umwami waco nk’ uko yagiriye uw’i Yeriko. 31 Hanyuma Yosuwa ava i Libuna, bo n’Abisirayeli bose, basagaza inyuma y’i Lakishi, barahatera: 32 maz’ Uhoraho ahagabura mu maboko y’Abisirayeli, Yosuwa ahanesha ku musi ugira kabiri, atōngōza inkota abahaba bose, ahagirira nk’ivyo yagiriye i Libuna vyose. 33 Maze Horamu umwami w’i Gezeri adūga gutabara i Lakishi: Yosuwa amwicana n’ingabo ziwe, ntiyasiga n’uwa kirazira. 34 Hanyuma Yosuwa ava i Lakishi, bo n’Abisirayeli bose, basagaza inyuma y’i Eguloni, barahatera; 35 bahanesha kur’ uwo musi nyene, bahatōngōza inkota, Yosuwa ageseza abahaba bose, ahagirira nk’ivyo yagiriye i Lakishi vyose. 36 Hanyuma Yosuwa aradūga, ava i Eguloni, bo n’Abisirayeli bose, batera i Heburoni, baraharwanya. 37 Barahanesha, bahatōngōza inkota, bica n’umwami waho, batōngōra n’ibindi bisagara vyaho vyose, n’abāri muri vyo bose: ntibasiga n’uwa kirazira; Yosuwa ahagirira nk’ivyo yagiriye i Eguloni vyose, ahagesezanya n’ abahaba bose. 38 Maze Yosuwa arakebanuka, bo n’Abisirayeli bose, atera i Debira, araharwanya; 39 ahaneshanya n’umwami waho, n’ibindi bisagara vyaho vyose; abitōngōza inkota, ageseza abāri muri vyo bose: ntiyasiga n’uwa kirazira. Nk’uko yagiriye i Heburoni, bo n’i Libuna n’umwami waho, ni ko yagiriye i Debira n’umwami waho. 40 Uko ni ko Yosuwa yatsinze ico gihugu cose, igihugu c’umugamba n’ic’i Negebu n’igiciye bugufi n’ icegamiye umugamba, bo n’abami baho bose, ntiyasiga n’uwa kirazira, arikw ageseza abahumeka bose, nk’uk’ Uhoraho Imana y’ Abisirayeli yavuze. 41 Yosuwa arabatsinda, uhereye i Kadeshi‐baruneya ukageza n’i Gaza n’igihugu cose c’i Gosheni, ukarinda ushitsa n’i Gibeyoni. 42 Nukw abo bami bose n’ibihugu vyabo Yosuwa yabaneshereje igihe kimwe, kuk’ Uhoraho, Imana y’ Abisirayeli, ari we yabarwaniye. 43 Maze Yosuwa atabarukana n’ Abisirayeli bose, basubira aho bashagaje i Gilugali. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi