Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -

Hagayi 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ubgiza bg’urusengero rusha

1 Mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo wa mirongwibiri na rimwe, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we,

2 rit’ Enda barira Zerubabeli umwe atwara i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, na Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki, n’amasigarira y’iri hanga,

3 uti Mbega ni nde agisigaye muri mwebge yoba yarabonye ubgiza iyi ngoro yahoranye ubga mbere? Ubu ho muyibona mute? Ubu si nk’ubusa mu maso yanyu?

4 Yamara noneho rema, ewe Zerubabeli, ni k’Uhoraho agize; nawe nyene rema, ewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki; kandi namwe bantu bo mu gihugu mwese, ni mureme, ni k’Uhoraho agize, kandi mushireko mukore, kuko ndi kumwe namwe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize,

5 nk’ukw ijambo ryanje riri nabasezeraniye igihe mwava muri Egiputa, kandi Mpwemu wanje akaba muri mwebge: nuko ntimutinye.

6 Hasigaye rimwe, maze mu gihe gitoya ngatigitisha ijuru n’isi n’ikiyaga n’i musozi;

7 kandi nzohindisha amahanga yose agashitsi, kand’ ivy’ igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.

8 Amafeza n’ayanje, n’amazahabu nyene n’ayanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.

9 Ubgiza bgo hanyuma buzoba kur’ iyi ngoro buzorusha ubga mbere, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kand’ aha hantu nzohaha amahoro, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ukw ivyaha vyabujije abantu umugisha

10 Ku musi wa mirongwibiri na kane w’ukwezi kw’icenda, mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we,

11 rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda baza abaherezi ku vy’ ivyagezwe,

12 ut’ Umuntu yojana inyama z’ikimazi zejejwe mu mutwe w’impuzu yiwe, maz’ agakoza uwo mutwe w’impuzu ku mutsima canke mu mufa canke muri vino canke mu mavuta ya elayo canke ku co kurya cose, mbega vyoca biba ivyera? Abaherezi barishura, bati Na mba!

13 Maze Hagayi arababaza, at’ Umuntu yahumanijwe n’ukw akoze ku muvyimba, yokora kuri kimwe mur’ ivyo, coba gihumanye? Abaherezi barishura, bati Coba gihumanye.

14 Maze Hagayi aca arabishura, at’ Aba bantu ni ko bameze, kand’ iri hanga ni ko rimbereye, ni k’Uhoraho agize; kand’ ikintu cose bakoresha amaboko yabo ni ko kimeze: mber’ ikintu cose banshikanirira aho hantu kirahumanye.

15 Nuko none, ndabinginze, ni mwitegereze ivyabaye gushitsa uyu musi, ibuye ritaragerekwa ku rindi ku rusengero rw’Uhoraho:

16 ico gihe cose, uwaja ku kirundo c’ impeke c’ingero mirongwibiri yasangamw’ icumi gusa; n’uwaja ku bgato bga vino ngw akūremw’ inzato mirongwitanu yasangamwo mirongwibiri gusa.

17 Nabateje kurumvya n’ururyi n’urubura ku vyo mwakoresheje amaboko yanyu vyose: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.

18 Nuko ndabinginze, ni mwitegereze ivyabaye gushitsa uyu musi, gushitsa umusi wa mirongwibiri na kane w’ukwezi kw’icenda, mwitegereze n’ivyabaye uhereye umusi itanguriro ry’urusengero rw’ Uhoraho ryashirwaho.

19 Mbega har’ imbuto zikiri mu bigega? Mbere n’umuzabibu n’umusukoni n’umukomamanga n’umwelayo ntibikiruha vyama; arik’ uhereye iri zuba nzobaha umugisha.

20 Nukw ijambo ry’Uhoraho riza kuri Hagayi ubugira kabiri, kur’ uyo musi wa mirongwibiri na kane w’ukwo kwezi,

21 riti Barira Zerubabeli, umwe atwara i Buyuda, uti Nzotigitisha ijuru n’isi:

22 kandi nzokwubika ingoma z’abami, mpenebereze ububasha bg’ubgami bg’amahanga; nzokwubika imikogote y’intambara n’abayigenderamwo, kand’ amafarasi azogwaho, bo n’abayagenderako, umuntu wese agwe yishwe n’inkota ya mugenzi we.

23 Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nzogusobanura, ewe Zerubabeli musavyi wanje, mwene Sheyalitiyeli, ni k’Uhoraho agize, nguhindure impeta nzohora ndomesha ikimenyetso: kuko nagutoranije, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Swiv nou:



Piblisite