2 Korinto 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Indamukanyo no gushima Imana 1 Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, na Timoteyo mwene Data, turabandikiye abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, n’abera bose bari muri Akaya hose: 2 ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo. 3 Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, Data wa twese w’imbabazi, kand’ Imana yirura imibabaro yose, 4 itwirura mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura imibabaro abari mu marushwa yose, tuyibiruza uko natwe twiruwe n’Imana. 5 Nk’ukw ivyo Kristo yababajwe vyarushirije kutuzako, ni ko n’ukwirurwa kwacu kwarushirije kugwizwa na Kristo. 6 Iyo tubabazwa, kuba ar’ ukugira ngo bibazanire ukwirurwa, bo n’agakiza: kand’ iyo twirurwa, kuba ar’ ukugira ngo bibazanire ukwirurwa nyene, guserukira mu kwihanganira imibabaro imwe n’iyo natwe tubabazwa. 7 Kand’ ivyo tubazigako birashikamye, kuko tuzi yuko, ko musangiye natwe iyo mibabaro, dusangiye n’ukuyirurwa. 8 Kuko bene Data, tutagomba yuko mutamenya amarushwa yatubayeko muri Asiya, ko twaremerewe cane, biruta uko dushobora, bigatuma twihebura ko tutagikiza amagara yacu: 9 kandi tumenyeshwa mu mitima yuko duciriwekw iteka ryo gupfa, kugira ngo ntitwiyizigire ubgacu, ariko twizigire Imana izura abapfuye: 10 yadukijije urupfu rukomeye rurtyo, kand’ izodukiza; ni yo twizigira yukw izokwama irudukiza, 11 namwe muhūje imitima yo kudufasha mudusengera, ngw ingabire twaheshejwe na benshi, benshi bayishimire Imana kubgacu. Paulo yerekana kw ar’ intungane 12 Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana. 13 Kukw ata bindi tubandikira, atar’ ivyo nyene musoma kandi mwemera, kandi nishimiye ko muzovyemera gushitsa kw iherezo, 14 nk’uko mwatwemeye agace, yuko tur’ ivyirato vyanyu, nk’uko namwe muzoba ivyacu ku musi w’Umwami wacu Yesu. Inyanduruko yatumye Paulo asība kuja i Korinto 15 Kandi nk’uko nizigiye ivyo, nagira ngo nzobanza kuza i wanyu, ngo muhabge ubuntu ubugira kabiri, 16 no kubacako nja i Makedoniya, nkagaruka i wanyu mvuye i Makedoniya, ngo mumperekeze, munsezere neza nja i Yudaya. 17 Nukw aho nagomba gukora ntyo, mbega narahindagurika? Cank’ ivyo ngabira, mbigabira mbgirijwe n’akameremere kanje, ngo nībūranye, nt’ Ego, ego, maze nt’ Oya, oya? 18 Ariko nk’ukw Imana ar’ iyo kwizerwa, ijambo tubabarira ntituvuga ngw Ego, maze ng’ Oya. 19 Umwana w’Imana Yesu Kristo, umwe twabigisha ivyiwe, twe na Siluwano na Timoteyo, ntiyar’ Ego, kandi ngw abe Oya; ariko muri we harimw’ Ego me. 20 Ivy’ Imana yasezeranye uko bingana, muri we ni ho Ego me riri: ni co gituma ari we adutera kuvuga ngo Amen, ngw Imana ishimishwe natwe. 21 Imana ni yo idukomezanya namwe muri Kristo, kandi ni yo yaturobanuje amavuta. 22 Kandi ni yo yadushizekw ikimenyetso, itugwatiriza Mpwemu wayo mu mitima yacu. 23 Arikw Imana ni yo ntanzekw icabona ku bugingo bganje, icatumye ntongera kuza i Korinto, kwar’ ukwanka kubababaza. 24 S’uko tuganza ukwizera kwanyu, ariko dukorana namwe mu bibungura umunezero: kuk’ ukwizera ari kwo muhagazemwo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi