Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Zefaniya 3:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Abaganwa bo muri wo ni nk’intambge zīvuga; abacamanza bawo ni nk’amabingira agenda ijoro, atagira ico arāza na mba.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Zefaniya 3:3
15 Iomraidhean Croise  

Ūtwaza ituntu abantu b’abafafara Ameze nk’intambge yivuga, n’igikōko citwa idubu yābagizwa n’inzara.


Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.


Ukwivuga kwabo kuzoba nk’ukw’ intambge, bazokwivuga nk’imigunza y’intambge: ni koko bazotontoma basahura isahu, bayīnyagira, ata wuriho wo gutabara.


Ariko weho amaso yawe n’umutima wawe nta handi bitumbereye atar’ ukwifuza inyungu mbi, no kuvisha amaraso y’abatācumuye, no guhahaza, n’umuryano.


Kuko ba kamenyi n’abaherezi ar’ ibihumane; mbere no mu ngoro yanje nabonye ivyaha vyabo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


ni bo baganwa b’i Buyuda n’abaganwa b’i Yerusalemu n’inkone n’abaherezi n’abantu bose bo mu gihugu, abāciye hagati ya vya bihimba vy’iyo masa:


Ni co gituma intambge yo mu kibira izobica, n’ibingira rigendagenda uko buhwibiriye rizobasahura, n’ingwe izotegera ku bisagara vyabo, maz’ ūbisokorokamwo wese atabagurwe; kuk’ ukugabitanya kwabo ari kwinshi, n’ugusubira inyuma kwabo kukaba kurenze urugero.


Rāba abaganwa b’Abisirayeli baba muri wewe uko bangana bakoresha ububasha bgabo kuvisha amaraso.


Ko mwishimiye inkota zanyu, mugakora ibizira, umuntu wese akonona muka mugenzi we: none mugira ngo mwohabga igihugu kw ishamvu?


Amafarasi yabo arusha ingwe ubukuba, kand’ arusha ubukazi amabingira agenda ijoro: abagendera ku mafarasi yabo baza bihaya: mber’ abagendera ku mafarasi yabo baza bavuye kure; baguruka nk’inkukuma yihutira ico irotsa.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan