Nukw abakunzi ba Yobu batatu bumvise ivyo vyago vyose vyamuteye, baraza, umuntu wese muri bo ava i we: Elifazi w’i Temani, na Biludadi w’i Shuhi, na Zofari w’i Nayama; baragana indagano kuja kumugarukirako no kumugandaza.
Nuko rero ni mwumve inama Uhoraho yarunduye kuri Edomu, n’imigabo yagabiye y’ivyo azogirira ababa i Temani: ati N’ukuri bazobakwega nk’imyagazi yo mu mukuku; n’ukuri azobagesezanya n’aho baba.
Ku vya Edomu. Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mbeg’ ubgenge nta bukiriho i Temani? Mbeg’ inama yabuze mu bahanga? Mbeg’ ubgenge bgabo bgakamanganye?