Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Obadiya 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ewe Temani, abahizi bawe bazogwa igihumura, bitume abantu bose iyo bava bakagera baririkwa, bashire ku musozi wa Esau.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Obadiya 1:9
19 Iomraidhean Croise  

Bene Elifazi ni Temani na Omari na Sefo na Gatamu na Kenazi.


Yobabu atanze, Hushamu wo mu gihugu c’Abatemani asubira ku ngoma yiwe.


Nukw abakunzi ba Yobu batatu bumvise ivyo vyago vyose vyamuteye, baraza, umuntu wese muri bo ava i we: Elifazi w’i Temani, na Biludadi w’i Shuhi, na Zofari w’i Nayama; baragana indagano kuja kumugarukirako no kumugandaza.


Nuko rero ni mwumve inama Uhoraho yarunduye kuri Edomu, n’imigabo yagabiye y’ivyo azogirira ababa i Temani: ati N’ukuri bazobakwega nk’imyagazi yo mu mukuku; n’ukuri azobagesezanya n’aho baba.


Eh’ azodūga aguruke nk’inkukuma, asānze amababa i Bosira: kand’ umutima w’abahizi b’i Edomu kur’ uwo musi uzohinduka nk’umutima w’ umugore ari ku bise.


Ku vya Edomu. Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mbeg’ ubgenge nta bukiriho i Temani? Mbeg’ inama yabuze mu bahanga? Mbeg’ ubgenge bgabo bgakamanganye?


nuko rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Nzobangurira ukuboko kwanje ku Banyedomu, mbaranduremw’ abantu n’ibitungano; kandi nzohahindura amatongo uhereye i Temani, baririkwe n’inkota gushitsa n’i Dedani.


Nuko nzokwanda umuriro i Temani, utongore ingoro z’i Bosira.


kandi n’uwar’ inshirabinya mu bahizi kur’ uwo musi azohunga yambaye ubusa, ni k’ Uhoraho agize.


Kand’ abatabazi bazodūga ku musozi Siyoni, ngo bacire urubanza umusozi wa Esau; kand’ ubgami buzoba ubg’ Uhoraho.


Ewe kuntu ugeseye! Ibisuma vyokūzira, cank’ abambuzi mw ijoro, mbega ntibogusahura kugeza bīhāgije gusa? Cank’ abāmūzi b’inzabibu boza kuri wewe, mbega ntibosigaza uduhūmbga tw’inzabibu?


Eh’ abantu bawe bari muri wewe bameze bga bagore; amarembo y’igihugu cawe yugururiwe abansi bawe: umuriro watōngōye imyugariro yawe.


Imana yaje ivuye i Temani, Uwera yaje ku musozi Parani. Sela. Ubgiza bgiwe bgakwiye ijuru, Kand’ isi yuzuye ishimwe ryiwe.


ntimubandurutse, uti Kukw atazobaha ku gihugu cabo, naho hoba aho gukandagiza ikirenge; uti Kukw imisozi y’i Seyiri yayihaye Esau kuba ishamvu yiwe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan