8 Mbega kur’ uwo musi sinzorandura abanyabgenge bo muri Edomu, ngaherengeteza amakenga ku musozi wa Esau? ni k’Uhoraho abaza.
Uhoraho ahindura ubusa imigabo y’amahanga, Atuma ivyiyumviro vy’amoko bipfa ubusa.
Abaganwa b’i Sowani n’ibipfu rwose; inama z’abajanama ba Farawo b’abanyabgenge zihindutse iz’ ubusa: none muhangara mute kubarira Farawo, muti Nd’ umwana w’umunyabgenge, nd’umwana ava mu bami ba kera?
Non’ abanyabgenge bawe bari hehe? Ni bakubarire, bamenye imigabo Uhoraho Nyen’ ingabo afitiye Egiputa.
Umutima wa Egiputa uzokamangana, nanje nzokwica imigabo yaho; bazoja gusiguza ibigirwamana n’abavovota n’abahamagara imizimu bo n’abamenyi.
Nuko rero ngira nkore igikorwa c’igitangaza mur’ aba bantu, mbere n’igikorwa gitangaje c’akumiza: ubgenge bg’abanyabgenge babo buzoherengetera, n’ ubuhanga bg’abahanga babo buzokamangana.