Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Obadiya 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Abo mwari mwifatanije bose bāragusohoye, bagushitsa no ku rubibe: abo mwari mwuzuye baragusutse, none barakunesheje; abo wagaburira bāguteze umutego: ariko ntiwabimenye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Obadiya 1:7
16 Iomraidhean Croise  

Ariko weho, Uhoraho, ungirire ikigongwe, umvyutse, Kugira ngo mbīhōre.


Mber’ umukunzi wanje pfampfe, uwo nizigira, nagaburira, Na we ambanguriye umugere.


Amashami yaho ni yuma azohānyurwa; abagore bazoza bayacane; kukw iryo hanga ar’ iritagira ubgenge; ni co gituma Iyabaremye itazobagirira akagongwe, kand’ Iyababumvye itazobagirira akantu.


Kuko numvise benshi bandementaniriza, ubgoba bukantera irya n’ino. Abakunzi banje pfampfe bose, ni bo barereka ko notsitara, bavuga, bati Mumurege, natwe tumurege, kumbure yogwa mu mutego, natwe tukamunesha, tukamwīhōra.


Abūzure bawe bose barakwibagiye; ntibakikubabaye; kuko ngukomerekeje nk’ūkomerekejwe n’umwansi, ngukubise bga ruburakigongwe; ni kubg’ ibigabitanyo vyawe vyinshi, kukw ivyaha vyawe vyari vyiyongeranije.


ati Rāba abagore bose basigaye mu rugo rw’umwami w’i Buyuda, bazokūrwayo bahabge abaganwa b’umwami w’i Babuloni, kand’ abo bagore bazovuga, bat’ Abakunzi bawe pfampfe bāraguhenze, uja na rwo: arikw ibirenge vyawe bimaze gushaya mu kivurugu c’ivyondo, barakimirana.


None weho, ni wanyagwa, uzogira ute? Naho wokwambara impuzu zisa n’agahama, ukīsakara utugenegene tw’izahabu, ukīraba amarangi mu maso, uzoba washarije ubusa: abūzure bawe baragukēngēra, barondera ingene bokwica.


Ku vya Edomu. Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mbeg’ ubgenge nta bukiriho i Temani? Mbeg’ inama yabuze mu bahanga? Mbeg’ ubgenge bgabo bgakamanganye?


Natabaje abūzure banje, ariko barampemukira: Abaherezi banje n’abashingantahe banje bahwerereye mu gisagara, Bakiriko barayerera utwo kurya two gusama amagara yabo.


Azofatwa n’ibise nk’ivy’ umugore aramutswe: n’umwana w’imburabgenge; kukw igihe co kuvuka kigeze, ntava mu menshi ngw avuke.


Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan