6 Ewe kuntu ivya Esau bisesanguwe! Itunga ryiwe ryari rinyegejwe ukuntu risokorowe!
Uhoraho waransuzumye, urammenya,
Utuyoya twabo na two bazotubamenagurira imbere; amazu yabo azosahurwa, kand’ abagore babo bazobenda ku kagōbēro.
kandi nzoguha itunga rihishijwe mu mwiza, n’ubutunzi bunyegejwe mu mpisho, kugira ng’ umenye kw ari jewe Uhoraho nguhamagaye mw izina, jewe nyene Imana y’Abisirayeli.
Ni ko nanje Esau namusize amēnya, natwikuruye ahinyegeje hiwe ngo ntāshobore kwinyegeza: uruvyaro rwiwe n’abo bavukana n’ababanyi biwe barageseye, na we ubgiwe ntakiriho.
Inkota iri ku mafarasi yabo, no ku mikogote yabo, no ku b’ikivange c’amoko bari hagati muri ho, kandi bazohinduka nk’ abagore; inkota iri ku butunzi bgaho, kandi bazobunyagwa.
ni yo ihishura ivy’ amabanga y’iyo bihera; ni yo izi ibiri mu mwiza, kand’ umuco ubana na yo.