4 Naho wodūga intumbgejuru nk’inkukuma, kandi naho wokwārika icāri cawe hagati y’inyenyeri, nzogukorora ngukūreyo, ni k’Uhoraho agize.
kand’ ukuboko kwanje kwironkeye ubutunzi bg’ amahanga nk’uwironkeye icāri c’ inyoni, kandi nk’uk’ umuntu atoragura amagi inyoni yahevye, ni ko nanje natoraguye ibihugu vyo mw isi yose; nta wakakaje n’ibaba, nta wakūyek’ umunwa, nta wajwigiriye.
Gutera ubgoba kwawe n’ubgibone bgo mu mutima wawe vyaraguhenze, wewe uba mu bihoro vyo mu bitandara, wihase ku mpinga y’ umusozi: naho wokwārika icāri cawe hejuru iyo bigwa nk’inkukuma, nzokumanura ngukūreyo, ni k’Uhoraho agize.
Naho Babuloni hodūga hagashika kw ijuru, kandi nah’ ibihome vyaho birebire vyoba uruhatane, na ho nyene abanyazi bohashika bavuye kuri jewe, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Naho bokwiyimbira bakaja i kuzimu, na ho ukuboko kwanje kwobakūrayo; naho bokwūrira bakaja mw ijuru, na ho nyene nzobamanurayo.
Azobona ibara, ūronderera inzu yiwe inyungu mbi, kugira ngo yiyarikire icāri ciwe hejuru iyo bigwa, ngw abone gukira ukuboko kw’umunyakibi!