Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Obadiya 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ubgibone bgo mu mutima wawe bgaraguhenze, wewe uba mu bitandara vyacitsemw’ ibihoro, ukīvyagirira hejuru iyo bigwa; wewe uvugira mu mutima wawe, uti Ni nde yonkororera hasi?

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Obadiya 1:3
21 Iomraidhean Croise  

Nuko Esau aja kuba ku musozi Seyiri: Esau ni we Edomu.


Kandi yishe mu Banyedomu abantu ibihumbi cumi, abatsinze mu Kiyaya c’Umunyu; atera n’i Sela, arahatsinda, ahahindura izina ahita i Yokiteli na bugingo n’ubu.


Maze Amaziya agumya umutima, ajana ingabo ziwe baja mu Kiyaya c’Umunyu, bica mu Baseyiri abantu ibihumbi cumi.


Abandi ibihumbi cumi nyene Abayuda babafata mpiri, babajana ku gitandara c’imanga, babatembagarizayo, baravunagurika bose.


Nah’ ubgibone bgiwe bgoshika kw ijuru, Umutwe wiwe ugashika mu bicu,


Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, Kand’ umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa.


Uwishira hejuru mu mutima, agatikizo azogasanga imbere, Kand’ ukwicisha bugufi kuzosanga imbere icubahiro.


Ubgibone bg’umuntu buzomusubiza hasi, Arik’ uw’ umutima uciye bugufi azoronka icubahiro.


Twumvise ubgībone bg’i Mowabu, ko hībona cane: twumvise n’ukwishira hejuru kwaho n’ubgībone bgaho n’agakēngērwe kaho: arik’ ukwīrārīra kwaho n’ukw’ ubusa.


Rāba nzohigūra nawe, wewe gisagara cubatswe ku mushasha, ku gitandara co mu kiyaya, ni jewe Uhoraho mbivuze; yemwe abavuga, muti Ni nde yorinduka kumanuka ngw adutere? Canke ni nde yoshika mu ngo zacu?


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ntimwihende, mut’ Abakaludaya bazotuvako nta kabuza: kuko batazobavako.


Yemwe ababa i Mowabu, ni muve mu bisagara, muje kuba mu masenga; mube nk’ inuma yārika icāri cayo mu mbavu z’umuryango w’isenga.


Gutera ubgoba kwawe n’ubgibone bgo mu mutima wawe vyaraguhenze, wewe uba mu bihoro vyo mu bitandara, wihase ku mpinga y’ umusozi: naho wokwārika icāri cawe hejuru iyo bigwa nk’inkukuma, nzokumanura ngukūreyo, ni k’Uhoraho agize.


N’iki gitumye wirata imyonga? Umwonga wawe uratwarwa, ewe mukobga usubiye inyuma, wishimiye ubutunzi bgawe, uti Ni nde azonshikīra?


Ibitayega vy’ibidandazwa vyawe vyatumye wuzura umuryano, maz’ uracumura: ni co catumye nguhinda nk’igihumane, nkagukūra ku musozi w’Imana; narakugesheje, yewe mukerubi ushānje amababa, ngukūra hagati ya ya mabuye yaka umuriro.


Naho Edomu yavuga, ati Dutsinzwe hasi, ariko tuzosubira kwubaka ahāsanganguwe; uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazokwubaka, ariko nanje nzosambura. Abantu bazobīta intāra y’ibigabitanyo, babīte n’ubgoko Uhoraho yama arakiye ibihe bidashira.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan