3 Ubgibone bgo mu mutima wawe bgaraguhenze, wewe uba mu bitandara vyacitsemw’ ibihoro, ukīvyagirira hejuru iyo bigwa; wewe uvugira mu mutima wawe, uti Ni nde yonkororera hasi?
Kandi yishe mu Banyedomu abantu ibihumbi cumi, abatsinze mu Kiyaya c’Umunyu; atera n’i Sela, arahatsinda, ahahindura izina ahita i Yokiteli na bugingo n’ubu.
Rāba nzohigūra nawe, wewe gisagara cubatswe ku mushasha, ku gitandara co mu kiyaya, ni jewe Uhoraho mbivuze; yemwe abavuga, muti Ni nde yorinduka kumanuka ngw adutere? Canke ni nde yoshika mu ngo zacu?