2 Rāba, nakugize ritoya ku yandi mahanga: uba inkengerwa rwose.
Uhoraho Nyen’ ingabo ni we yabigabiye, kugira ngw akengereze ubgibone bg’ icubahiro cose, kandi ngw agayishe abanyacubahiro bose bo mw isi.
Kuko rāba, nakugize ritoya ku yandi mahanga, n’inkēngērwa mu bantu.
Buzoba ubgami bukēngēretse hanyuma y’ubundi bgose, kandi nta ho bazokwongera kwishira hejuru ku yandi mahanga: nzobahindura inkehwa, kugira ngo ntibaze basubire kuganza ayandi mahanga ukundi.
Maz’ umwansi wanje azobirāba, yicwe n’isoni, uwahora ambgira, at’ Uhoraho Imana yawe iri hehe? Amaso yanje azomwibonera, igihe azosiribangwa nk’ ivyondo vyo mu nzira.
Edomu bazohagira inyurwa, Bagire inyurwa i Seyiri, ahāhora ar’ umwansi wabo; Abisirayeli bazokora ivy’ ubuhizi.