16 Kand’ uko mwanywereye ku musozi wanje wera, uko ni kw amahanga yose azokwama anywa na ntaryo; mbere bazonywa bagotomere, bamere nk’abatakiriho.
Eh’ aho nahoreye; naracereje, ndiyumanganya: noneho ndataka cane nk’umugore ari mu bise, nzohezagirika nsēmagiritse.
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Abāri batabereye kunywa kur’ ico gikombe ko batazobura kukinywa, none weho uzogenda udahanwe na gatoya? Eka ntuzogenda udahanwe, arik’ uzonywa nta kabuza.
Ni winezererwe, uhimbarwe, ewe mukobga, Edomu we, wibereye mu gihugu c’i Uzi! Nawe igikombe kizodōbēra kiruhe kigushikeko; uzoborerwa, ute agahuzu.
Aho ni ho muzomenyera yuko nd’ Uhoraho Imana yanyu, mpangamye i Siyoni ku musozi wanje wera; ico gihe i Yerusalemu hazoba ahēra, kandi nta bantu b’akavantara bazosubira kuhahita ukundi.
Bose bazanwa n’umuryano; amaso yabo bayahangana igihababu imbere yabo; bakumakuma imbohe nk’ umusenyi.
Kukw igihe gishitse c’uk’ urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana: none ko rutanguriye kuri twebge, iherezo ry’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Imana rizomera rite?