Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Obadiya 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kuri wa musi wari wihagarariye urāba utw’ ininga, umusi ab’ akavantara bāsahura ibintu vyiwe, abanyamahanga bakamūzira mu marembo, bagapfindira i Yerusalemu, nawe wari nk’uwo muri bo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Obadiya 1:11
13 Iomraidhean Croise  

Maz’ amasigarira y’abantu bāri bagisigaye mur’ ico gisagara, n’abāri baragiye kwisaba umwami w’i Babuloni, n’amasigarira y’abafundi, Nebuzaradani uwo mukuru w’abashibamyi abajana ar’ inyagano.


Uhoraho, ibuka Abanyedomu Ivyo bagize wa musi w’i Yerusalemu; Ni bo bavuze, bati Ni muhasangangure, ni muhasangangure, Mushitse no kw itanguriro ryaho.


Iy’ ubonye umusuma, wemeranya na we, Kandi wifatanya n’abasambanyi.


Kuko ba bandi bahūje umutima wo kuja inama, Ni wewe bashiriyeh’ amasezerano:


Ni bo bo mu mahema ya Edomu n’Abishimayeli; Kandi n’Abanyamowabu n’ Abahagiri;


Ko wagize ngw Ayo mahanga ukw ar’ abiri n’ivyo bihugu ukw ari bibiri bizoba ivyawe, ngo Ni mwe muzovyiganzira; nanje Uhoraho ari yo nari:


Kandi bāgabanganishije abantu banje ubupfindo, umuhungu bakamutanga kw impēra ya maraya, n’ umukobga bakamugura vino ngo bīnywere.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Gaza, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu:


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Tiro, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu, ntibibuke isezerano ry’ umuvukano.


Ariko hāranyazwe, hajanwa ar’ inyagano; n’ibibondo vyaho vyāhondaguriwe mu mayirabiri yose: n’abanyacubahiro baho bābagabanganishije ubupfindo, n’abahambaye baho bābabohesheje iminyororo.


Ivyo ni vyo bazosubirizwa mu nkōko kubg’ ubgibone bgabo, kuko bātuka abantu b’Uhoraho Nyen’ ingabo, bakabihayagizako.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan