Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 8:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Haza umumarayika wundi, ahagarara ku gicaniro, afise icotero c’izahabu, ahabga imibavu myinshi ngw ayishire ku gusenga kw’abera bose kuri ku gicaniro c’izahabu kir’ imbere y’iyo ntebe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Haca haza uwundi mumarayika afise ico gutuririramwo ibimota neza gikozwe mu nzahabu, ahagarara imbere y’igicaniro; aca ahabwa ibimota neza vyinshi abivanga n’amasengesho y’abera kugira ngo abitange ku gicaniro gikozwe mu nzahabu cari imbere y’intebe y’inganji.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 8:3
32 Iomraidhean Croise  

n’ inzavya, n’imbugita, n’imibehe, n’udukombe, n’udusahani two gushirwak’ umunyota, na vyo nyene vyar’ ivy’ izahabu iramuye; n’ amapata y’inzugi zija haruguru, ari ho Hēra Cane, n’ay’ inzugi z’ingoro ubgayo, ari rwo rusengero, na yo yar’ ay’ izahabu.


Ugusenga kwanje gushirwe imbere yawe nk’imibavu, N’amaboko yanje kuyatarika kube nk’ikimazi co ku mugoroba.


Ashira na ca gicaniro c’izahabu mur’ iryo hema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu,


Maz’ umwe mu baserafi araguruka, aza aho ndi, afise ikara ryaka mu ntoke, yokoje ikimano ku gicaniro;


Igicaniro car’ ikibazano; uburebure bg’igihagararo bgaco bgar’ amatambge atatu y’ukuboko uciriye mu nkokora, n’uburebure bg’ amakika bgar’ amatambge abiri; inkokora zaco no mu ntebe haco n’imbavu zaco, hose car’ ikibazano: maz’ arambarira, at’ Aya ni yo meza ar’ imbere y’Uhoraho.


Nabonye Umwami Imana ahagaze i ruhande y’igicaniro, aravuga, ati Kubita imyashi y’inkingi, amatanguriro y’imiryango anyiganyige: uyibamenagurire ku mitwe yabo bose; kand’ ūzosigara muri bo wese nzomwicisha inkota: nta n’umwe muri bo azoshobora guhunga, nta n’umwe muri bo azokwikiza.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kand’ igicaniro c’izahabu bakirenzekw impuzu y’isufe, na yo bayorosekw ico kuyitwikira co mu nsāto za tahashi; binjize n’iminiho kur’ ico gicaniro.


n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;


kand’ ishengero ryose ry’ubgo bgoko ryariko rirasengera hanze mu gihe co kwosa.


Ni nde azobatsindisha? Mbega ni Kristo Yesu, kand’ ari we yapfuye? Ibibiruta yarazutse, ar’i buryo bg’Imana, bitayekw aradusengera.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


hārimw’ igicaniro co kwoserezakw imibavu cakozwe mw izahabu, hārimwo n’isandugu y’isezerano yometswekw izahabu impande zose, irimw’ urwavya rw’izahabu rurimwo manu, irimwo na ya nkoni ya Aroni yashurika, na vya bisate vy’amabuye vyanditswekw isezerano.


Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro.


Umumarayika wundi ava ku gicaniro, ni we aganza umuriro, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ūfise umuhoro ukarishe, ati Rungika umuhoro wawe ukarishe, uce inzabibu zo ku muzabibu w’isi, kukw inzabibu zawo zirungurije.


Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.


Kand’ amennye ica gatanu kimatanije ico gitabo, mbona musi y’igicaniro impwemu z’abishwe babahōra ijambo ry’Imana no gushinga intahe bari bafise.


Kandi mbona umumarayika wundi adūga, ava i burasirazuba, afise ikidomesho c’Imana nzima, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ba bamarayika bane bahawe kwonona isi n’ikiyaga,


Umwotsi w’umubavu uva mu kuboko kw’umumarayika upfundukana n’ugusenga kw’abera imbere y’Imana.


Umumarayika ajana icotero, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, ashiburira mw isi: habah’ imituragaro n’amajwi n’imiravyo no gutigita kw’isi.


Umumarayika wa gatandatu aravuza: numva ijwi riva ku mahembe ane y’igicaniro c’izahabu kir’ imbere y’Imana,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan