Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ako kanya mba muri Mpwemu: kandi mbona intebe iteretse mw ijuru, mbona n’Ūyivyagiyeko.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ako kanya nyene, ndi muri Mpwemu, mbona intebe y’inganji mw’ijuru, mbona n’uwuyicayeko.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 4:2
28 Iomraidhean Croise  

Mikaya arongera, ati None rero ni wumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.


Uhoraho ari mu rusengero rwiwe rwera, Uhoraho, intebe yiwe iri mw ijuru. Acacisha inyonga ziwe abana b’abantu, mu kigohe ciwe harabasuzuma.


Mu mwaka Umwami Uziya yatanzemwo, nabonye Umwami Imana avyagiye ku ntebe y’ubgami ndende, ashizwe hejuru, impuzu yiwe y’igisāga yuzuye urusengero.


Ahantu h’ahēra hacu ni ho ntebe y’icubahiro, ishizwe hejuru uhereye mbere na mbere.


Hirya y’iryo tāzānure ryo hejuru y’imitwe yavyo hār’ igisa n’intebe y’ubgami imeze nk’akabuyenge kitwa safiro; kandi hejuru kur’ ico kintu casa n’intebe y’ubgami hār’ igisa n’umuntu.


Nk’uk’ umunywamazi wo ku gicu usa ku musi w’imvura, ni k’ugukayangana kwari kumukikije hirya no hino kwasa. Ivyo vyari bimeze nk’ibisa n’ubgiza bg’Uhoraho. Mbibonye, nikubita hasi nubamye, numva ijwi ry’ūvuga.


Maze ngize ntya mbona mw itāzānure ry’ijuru ryo hejuru y’imitwe ya ba bakerubi, haboneka igisa n’ibuye ryitwa safiro, kimeze nk’igisa n’intebe y’ubgami.


Nkomeza kwitegereza, bakiriko barashirah’ intebe z’ubgami; maze haza Uwa mbere na mbere, aravyagira. Imyambaro yiwe yera nka shelegi kand’ umushatsi wiwe wasa n’ubgoya bg’intama yera derere; intebe y’ubgami bgiwe yari nk’ibirimi vy’umuriro, kand’ amakurudumu yayo yari nk’umuriro waka.


Na we arababaza, ati None Dawidi mu vya Mpwemu yamwitiye iki Umwami?


Mu yo tuvuga, yose arutwa na rimwe, n’iri: dufise umuherezi mukuru ameze artyo, avyagiye i buryo bg’intebe y’Īhambaye cane yo mw ijuru,


Ku musi w’Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk’iry’ inzamba,


Avyara umwana w’umuhungu, ni we azoragiza amahanga inkoni y’icuma. Umwana wiwe arasahurwa, ajanwa ku Mana no ku ntebe yayo.


Anjana mu bugaragwa ndi muri Mpwemu. Mbona umugore yicaye ku gikōko gisa n’agahama, cuzuye amazina y’amarogotano, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi.


Ba bakuru mirongwibiri na bane na vya binyabugingo bine vyikubita hasi, bisenga Imana ivyagira kuri ya ntebe, biti Amen; Haleluya.


Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.


Anjana ku musozi munini muremure ndi muri Mpwemu, anyereka umurwa wera Yerusalemu, wururuka uva mw ijuru ku Mana,


Īvyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Rāba vyose ndabihindura bisha. Kand’ it’ Andika, kukw ayo majambo ar’ ayo kwizerwa n’ay’ ukuri.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’Īvyagiye kur’ iyo ntebe, bagasenga Ībaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y’iyo ntebe, bavuga,


Kandi kuri ya ntebe y’ubgami hava imiravyo n’amajwi n’imituragaro: kand’ imuri ndwi z’umuriro zākira imbere y’iyo ntebe, ni zo Mpwemu ndwi z’Imana:


Kand’ iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa n’icubahiro n’ishimwe Ivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira,


Mbona igitabo mu kuboko kw’i buryo kw’Īvyagiye kuri ya ntebe, canditse imbere n’inyuma, kidombagijek’ udushashara ndwi, tukimatanije tudomyemw’ ikimenyetso.


Kand’ icaremwe cose co mw ijuru no mw isi n’i kuzimu no hejuru y’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose, numva bivuga, bit’ Īvyagiye ku ntebe bo n’Umwagazi w’Intama, umugisha ube uwabo n’icubahiro no guhimbazwa n’ububasha, ibihe bitazoshira.


babarira imisozi n’ibitandara, bati Ni mutugweko, muduhishe inyonga z’Īvyagiye kur’ irya ntebe n’uburake bg’Umwagazi w’Intama;


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan