Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Gira ube maso, ukomeze ibisigaye bigira bipfe: kukw ata bikorwa vyawe nabonye bisozerewe imbere y’Imana yanje.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Kanguka ukomeze ivyo usigaranye bigikomeye ariko bigiye gupfa, kuko ibikorwa vyawe bidatunganye imbere y’Imana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 3:2
31 Iomraidhean Croise  

Kukw amaze gusāza, abagore biwe bāciye bakwegera umutima wiwe ku zindi mana; nuk’ umutima wiwe ntiwaba ugitunganira Uhoraho Imana yiwe, nk’uwa se Dawidi,


Nuko Abiya akomeza kugendera mu vyaha vyose vya se, ivyo yakoze Abiya atarīma; kand’ umutima wiwe ntiwar’ utunganiye Uhoraho Imana yiwe, nk’uwa sekuruza Dawidi.


Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, ariko ntiyabigirana umutima utunganye rwose.


Nanje nobaremeshesha akanwa kanje, Kwirura kwo gupfa kubomboranya iminwa yanje kwoborohereza.


Mukomeze amaboko areganutse, mugumishe amavi aregarega.


Abashibamyi biwe n’impumyi, bose nta co bazi; bose ni nk’imbga z’ibiyingiyingi, zitazi gukuga; bararavūta, bararyama, bakunda gusinzira.


Nzoserura ukugororoka kwawe n’ibikorwa vyawe; ariko ntibizogira ico bigufasha.


Nzorondera iyazimiye, ngarukane iyahuvye, nunge īvunitse, nsindagize īrwaye, izivyibushe n’izikomeye ndazibogeke; zose nzoziragira mu buryo buroranye.


Tekel, risobanurwa ngo Wagezwe ku munzane, basanga ntushitse.


Kuko rāba, nzohagurutsa umwungere mu gihugu, atazobabara izizimiye, kandi ntazorondera izāsābagiye, n’ izivunitse ntazozunga, canke ngw aragire izigihagaze; arikw azorya inyama z’izivyibushe, mber’ azoguguna n’inzāra zazo.


Arikw ibikorwa vyabo vyose babikora kugira ngo barābge n’abantu, kukw amambe yabo yanditswemw’ amajambo y’Imana bayagira manini, ubuyonga bg’ impuzu zabo bakabgongereza.


Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi cank’ isaha.


Buno za nkumi zose zirazanzamuka, zitunganya amatara yazo.


Amazey’ imisi avayo, aca mu gihugu c’i Galatiya n’i Furugiya, aja mu bisagara uko bikurikirana, aremesha abigishwa bose.


Arik’ uhanūre Yosuwa, umuremēshe, umutēre gushikama, kukw ari we azorujabuka arōngōye abo bantu, akabinjiza igihugu uzoja kurāba.


Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.


Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa.


(Ehe ndaza nk’igisuma. Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amēnya, bakabona isoni z’ubgambure bgiwe.)


Ariko mfise ico nkugayako, yuko waretse urukundo rwawe rwa mbere.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi, ut’ Ūfise Impwemu ndwi z’Imana n’inyenyeri ndwi, aravuga ibi, ngo Ndazi ibikorwa vyawe, k’uvugwa k’uri muzima, arik’ ur’ uwapfuye.


Ni wibuke rero ingene wākiriye kandi wumvise: uvyitondere, wihane. Nuko rero n’utaba maso, nzoza nk’igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwūbīra.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan