Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’ umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 3:12
26 Iomraidhean Croise  

bazorāba mu nyonga hayo, izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo.


Mbona umurwa wera, Yerusalemu musha, wururuka uva mw ijuru ku Mana, witeguwe nk’uk’ umugeni asharizwa umugabo wiwe.


Kandi mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo.


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Kuko rāba, uyu musi nguhinduye igisagara cubakiwe inzitiro, nguhinduye n’inkingi y’icuma n’inzitiro z’imiringa, bitazotsindwa n’igihugu cose, canke n’abami b’i Buyuda, canke n’abaganwa baho, canke n’abaherezi baho, canke n’abantu bo mu gihugu.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Ariko mwegereye umusozi Siyoni, n’umurwa w’Imana nzima, Yeru salemu ho mw ijuru, n’ikoraniro rikuru ry’isinzi ry’abamarayika,


Nk’uko twumvise, ni ko twabibonye Ku murwa w’Uhoraho Nyen’ ingabo, ku murwa w’Imana yacu: Imana izowushimangira ibihe vyose. Sela.


Mweho mur’ abava ku Mana, bana bato, kandi ba bandi mwarabanesheje: kuk’ Ūri muri mwebge aruta ūri mu b’isi.


Izo nkingi azishinga ku rubaraza rw’ urusengero; iy’ i buryo ayishinze, ayita Yakini, ashinze iy’ i bubamfu, ayita Bowazi.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


uwo imiryango yose yo mw ijuru n’iyo mw isi yītirirwa,


Kuhakikuza n’amatambge ibihumbi cumi n’umunani y’ukuboko uciriye mu nkokora: kand’ uhereye uwo musi izina ry’ico gisagara rizokwitwa ng’ Uhoraho ni ho aba.


Kand’ izina ryanyu muzorisigarana abo nitoranirije, barigire umuvumo, bat’ Urakicwa n’Uhoraho Imana! Maz’ abasavyi banje bazokwitwa irindi zina.


Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


Ivy’ icubahiro bikuvugwako, Ewe murwa w’Imana. Sela.


Harih’ uruzi, amazi yarwo anezereza umurwa w’Imana, Ni wo hēra har’ amahema y’ Isumba vyose.


Nukw amahanga azobona ugutsinda kwawe, n’abami bose bazobona icubahiro cawe; maz’ uzokwitwa izina risha, wiswe n’akanwa k’Uhoraho.


Uburebure bg’urubaraza bgār’ amatambge mirongwibiri, n’ubgaguke bgar’ icumi na rimwe; kuhashika kwar’ ukudondagira ku ngazi y’amabuye; kandi hār’ inkingi imbere y’ivyo bisapfu, imwe ku ruhande rumwe, iyindi ku rundi.


Kuko hano tutahafise igisagara kizokwamaho, ariko turondera ikizoza.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.


Ūnesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n’imbere y’abamarayika biwe.


Barayizana. Arababaza, at’ Iki gishushanyo n’ibi vyanditsweko n’ivya nde? Baramwishura, bati N’ivya Kayisari.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan