Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 3:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 3:10
30 Iomraidhean Croise  

Wewe uba mw isi, ibiteye ubgoba n’urusumanyenzi n’umutego bigushitseko.


Benshi bazotunganywa, bezwe, bavugutirwe; arikw abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi nta n’umwe mu banyakibi azobitahura; arikw abāgize ubgenge bazobitahura.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


Kand’ ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’ umuhero uzoca uza.


Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, arik’ umubiri ufise intege nke.


kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]


Ndababgire ukuri: Ah’ ubutumwa bgiza buzovugwa hose mw isi yose, n’ico uyu akoze kizovugwa, kibe icibutso ciwe.


Mur’ iyo misi icagezwe kiva kwa Kayisari Augusito, ngw abo mw isi bose bandikwe.


Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b’isi; bar’ abawe, urabampa, kandi bitondeye ijambo ryawe.


Irya mbere, mwese mbashimiye Imana yanje muri Yesu Kristo, kukw inkuru y’ukwizera kwanyu ikwiye mw isi yose.


Nta cabagerageje kitar’ ic’ umuntu yoshobora kwihanganira: arikw Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira.


Kubg’ ivyo mwābīre ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye.


namba twihangana, tuzokwimana na we; namba tuzomwihakana, na we azotwihakana;


Bene Data, mbeg’ umusukoni woshobora kwama elayo, cank’ umuzabibu wokwama insukoni? Ni kw amazi y’umunyu adashobora kuvamw’ ayaryoshe.


Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze, nk’aho mubonye akatābonetse.


Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza, no kurinda abagabitanya bahanwa gushitsa ku musi w’amateka,


Jewe Yohana, mwene So, musangiye amarushwa n’ubgami n’ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampōra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Abari mw isi bazonezerwa, bazobītamba ku muvyimba, barungikiranire amashimwe, kukw abo bavugishwa n’Imana bātoneka abari mw isi.


Namb’ umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’ umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo.


Kizimirisha ababa kw isi ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikōko, kibarira ababa kw isi gukora igishushanyo ca ca gikōko cari n’uruguma rw’inkota, kigahava kikabaho.


Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.


Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana n’ukwizera Yesu.


Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.


kukw izo ar’ impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.


Uyo abami bo kw isi bāsambana na we, ababa kw isi bakaborerwa vino, ni zo busambanyi bgiwe.


Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka.


Ntutinye ivy’ ugira ubabazwe. Eh’ uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo.


ngo Ndazi ibikorwa vyawe (ehe nashize imbere yawe urugi rwuguruye, nta wushobora kurwugara) yuk’ ufise ubushobozi buke, witondeye ijambo ryanje, ntiwihakanye izina ryanje.


Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahōra abari mw isi amaraso yacu?


Ndarāba, numva inkukuma iguruka yātiriye ijuru, ivuga n’ijwi rirenga, it’ Ibara, ibara, ibara riza kubonwa n’abari mw isi kubg’ ayandi majwi y’inzamba z’abamarayika batatu bahava bavuza.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan