Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 21:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Mbona umurwa wera, Yerusalemu musha, wururuka uva mw ijuru ku Mana, witeguwe nk’uk’ umugeni asharizwa umugabo wiwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 21:2
28 Iomraidhean Croise  

Kuko yar’ arorereye ca gisagara cubatswe kw itanguriro, umugezi n’umwubatsi waco n’Imana.


Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’ umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha.


Anjana ku musozi munini muremure ndi muri Mpwemu, anyereka umurwa wera Yerusalemu, wururuka uva mw ijuru ku Mana,


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


Kuko hano tutahafise igisagara kizokwamaho, ariko turondera ikizoza.


Ariko mwegereye umusozi Siyoni, n’umurwa w’Imana nzima, Yeru salemu ho mw ijuru, n’ikoraniro rikuru ry’isinzi ry’abamarayika,


Kandi ni hagira umuntu akūra ku majambo y’igitabo c’ibi vyavugishijwe na yo, Imana izomukūra ku mugabane wa ca giti c’ubugingo no ku wa wa murwa wera, vyanditswe mur’ iki gitabo.


Mbafuhira ifuhe ryo kubg’ Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye.


Kuko jewe Umuremyi wawe ari jewe mugabo wawe; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje; Uwera w’Abisirayeli ni jewe Mucunguzi wawe; nzokwitwa Imana y’isi yose.


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi zawe, ewe Siyoni; ambara imyambaro yawe ishajije, ewe Yerusalemu wa murwa wera; kuk’ uhereye none muri wewe hatazoshika ūtākebge cank’ igihumane.


Ntuzosubira kwitwa Ntabga, n’igihugu cawe ntikizosubira kwitwa Misaka; arik’ uzokwitwa Nkundwakazi, n’igihugu cawe kizokwitwa Uwābiriwe; kuk’ Uhoraho agukundwakaje, kand’ igihugu cawe kizokwābīrwa.


Ivy’ icubahiro bikuvugwako, Ewe murwa w’Imana. Sela.


Intangaro y’urusengero uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga: kandi n’igisagara cera bazogisiribanga amezi mirongwine n’abiri.


Jewe Yohana, mwene So, musangiye amarushwa n’ubgami n’ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampōra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,


Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana,


Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’ umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Bazosubira ukundi gusha kuvugira aya majambo mu gihugu c’i Buyuda no mu bisagara vyaho, ni nasubira kubagarukana mbakūye mu kinyago, bat’ Uhoraho n’aguhezagire, wewe i wabo w’ubugororotsi, wewe musozi wera.


Eh’ ukuntu umurwa wizigirwa ucitse maraya; ahāhora huzura imanza ziroranye, hakaba i wabo w’ubugororotsi, none hasigaye ar’ ah’ abicanyi.


Ariko noneho barifuza igihugu kirushije ico kuba ciza, n’ico mw ijuru. Ni co gituma Imana itamāramāzwa no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.


Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi, bari bafise za nzavya ndwi zuzuye ivyago ndwi vy’iherezo, avugana nanje arambgira, ati Ngwino nkwereke umugeni, umugore wa wa Mwagazi.


Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’ uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan