Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 21:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mbona ijuru risha n’isi nsha: kukw ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, n’ikiyaga nticari kikiriho.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hanyuma nca mbona “ijuru rishasha n’isi nshansha,” kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyakuweho, kandi nta n’ikiyaga cari kikihari.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 21:1
13 Iomraidhean Croise  

Kur’ uwo musi Uhoraho azohanisha inkota yiwe ikarishe nini ikomeye Lewiyatani ca kiyoka kinyaruka, ni co Lewiyatani ca kiyoka cigonyonzora, kand’ azokwica ca gisato c’amahēro co mu kiyaga.


Nukw abācunguwe n’Uhoraho bazogaruka, bashike i Siyoni baririmba; umunezero utazoshira uzohora ku mitwe yabo; bazoronka umunezero n’uguhimbarwa, kand’ umubabaro no gusuhuza umutima bizohunga vyambuke.


Arikw abanyakibi bameze nk’ikiyaga gisuriranya; kuko kidashobora guhwekera, kand’ amazi yaco azīkurura isūri n’imyanda.


Kuko nk’ukw ijuru risha n’isi nsha, ivyo nzorema, bizohorah’ imbere yanje, ni k’ uruvyaro rwawe n’izina ryawe bizohoraho, ni k’Uhoraho agize.


Mur’ ico kiyaga hiburukamw’ ibikōko binini bine bidasangiye ubgoko.


kugira ngo vyizigire yuko na vyo bizocungurwa ngo ntibibe ibija vyo kubora, bizohabga ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana.


Arik’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.


Ariko nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo.


Gihagarara ku musenyi wo ku kiyaga. Mbona igikōko ciburuka kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe ndwi: ku mahembe yaco hārih’ imigāra cumi, no ku mitwe yaco hārih’ amazina y’amarogotano.


Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.


Īvyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Rāba vyose ndabihindura bisha. Kand’ it’ Andika, kukw ayo majambo ar’ ayo kwizerwa n’ay’ ukuri.


ijuru ririzinga, nk’umuzingo w’igitabo kizinzwe: imisozi yose n’ibizinga vyo mu kiyaga vyose bikūrwa ahantu havyo.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan