Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 16:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uwa kabiri asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, gicika amaraso nk’ay’ ūpfuye: ikintu cose co mu kiyaga kiri n’ubugingo kirapfa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Uwa kabiri asuka ivyari mu rwavya rwiwe ku kiyaga, gica gihinduka nk’amaraso y’umuntu yapfuye. Ivyaba mu kiyaga vyose bica birapfa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 16:3
10 Iomraidhean Croise  

Ibihumeka impwemu z’ubugingo mu mazuru vyose, vyaba i musozi, birapfa.


Ahindura amazi yabo amaraso, Yica amafi yabo.


Igahindura inzūzi zabo amaraso, N’imigezi yabo, ntibashobore kugira ico banywa.


Kandi nzogucira urubanza ruhwanye n’urwo bacira abagore b’abasambanyikazi n’abagore bavisha amaraso; ishavu n’ifuhe ngufitiye nzotuma bikuvisha amaraso nawe.


Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.


Yar’ afise mu minwe agatabo kazinguruye, ashinga ikirenge c’i buryo ku kiyaga, ic’i bumoso agishinga i musozi.


Abo bafise ubushobozi bgo gukinga ijuru, ngw imvura ntikoroke mu misi yo kuvugishwa kwabo: kandi bafise ubushobozi ku mazi kuyahindura amaraso no kubabarisha isi icago cose, uko bagomvye.


Gihagarara ku musenyi wo ku kiyaga. Mbona igikōko ciburuka kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe ndwi: ku mahembe yaco hārih’ imigāra cumi, no ku mitwe yaco hārih’ amazina y’amarogotano.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan