Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 15:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 baririmba indirimbo ya Mose umukozi w’Imana n’iy’Umwagazi w’intama, bavuga bati: “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaje, Mwami, Imana Mushoboravyose. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri, Mwami w’amahanga.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 15:3
49 Iomraidhean Croise  

Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’ utungane rwose.


Ariko Aroni n’abana biwe, ivyabo kwar’ ukwosa ibimazi ku gicaniro vyoserezwako, no kwosa imibavu ku gicaniro cayo, bagakora ibikorwa vyose vy’Ahēra cane, bagatangira Abisirayeli impongano, vyose babigenjeje nk’uko Mose umusavyi w’Imana yageze.


Bukeye umwami ahamagaza umuherezi mukuru Yehoyada, aramubaza, ati N’iki cakubujije kubgira Abalewi gutoza Abayuda n’ab’i Yerusalemu ikori, iryo Mose umusavyi w’Uhoraho yashingiye ikoraniro ry’Abisirayeli, ngo baritange kubg’ ihema ry’ibonaniro?


Wabamenyesheje isabato yawe yera, ubashirirah’ amabgirizwa n’ivyashinzwe n’ ivyagezwe, ubitumye umusavyi wawe Mose.


Ibuka gutazira ibikorwa vyayo, Ivyo abantu bahora baririmba.


Ni yo ikora ibihambaye bidaserangurwa, N’ibitangaza bidaharūrika;


Kuk’ Uhoraho ari mwiza, imbabazi ziwe zihorah’ ibihe bidashira, Kand’ ahora ar’ umwizigirwa no gushitsa ibihe vyose.


Mwibuke ibikorwa vyiwe bitangaje yakoze, Ibitangaza vyiwe n’amateka yo mu kanwa kiwe,


Ibikorwa vy’Uhoraho birahambaye, Biseswa n’abo bihimbara bose.


Ibikorwa vy’intoke ziwe n’ ukuri no kuroranya; Amabgirizwa yiwe yose arahamye.


Ndagushimira yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje: Ibikorwa vyawe n’ibitangaza; Kand’ ivyo, umutima wanje urabizi neza.


Uhoraho agororoka mu nzira ziwe zose, N’umunyabuntu mu bikorwa vyiwe vyose.


Abantu bazovuga inkomezi z’ ibikorwa vyawe biteye ubgoba: Nanje nzomenyekanisha ubukuru bgawe.


Imana yo, inzira yayo iratunganye rwose, Ijambo ry’Uhoraho ryaravugutiwe: Ni we nkinzo ikīngira abamuhungirako bose.


Yakoreye ibitangaza mu maso ya ba sekuruza Mu gihugu ca Egiputa, mu gahinga k’i Sowani.


Ereg’ ibikorwa vyawe birakomeye Uhoraho! Ivyiyumviro vyawe bishika i bgina kure.


Inkomezi z’umwami n’ugukunda imanza zibereye; Ni wewe ushinga ibiroranye. Imanza zibereye n’izigororotse ni wewe ubikorera mu ba Yakobo.


Kuk’ Uhoraho ari we mucamanza wacu; Uhoraho ni we adushingira ivyagezwe; Uhoraho ni we Mwami wacu: azodukiza.


Ni mubivuge, ni mubizane, mbere ni baje inama hamwe: ni nde yerekanye ivyo uhereye mu bihe vya kera? Ni nde yabimenyekanishije uhereye kera? Si jewe, Uhoraho? Kandi nta yindi Mana atari jewe, Imana igororotse kand’ Umukiza; nta yindi atari jewe.


Ashitse hafi ya rwa rwobo Daniyeli yarimwo, ahamagara n’ijwi ry’umubabaro, abaza Daniyeli, ati Yewe Daniyeli musavyi w’Imana nzima, mbeg’ Imana yawe ukorera na ntaryo yashoboye kugukiza izo ntambge?


Ni koko, Abisirayeli iyo bava bakagera bacumuye ku vyagezwe nawe, baratambama ngo ntibumve ijwi ryawe; ni co catumye dusukwamw’ umuvumo, bo n’indahiro vyari vyaranditswe mu vyagezwe vya Mose umusavyi w’Imana, kuko twayicumuyeko.


Ni nde azi ubgenge? N’atahure ivyo! Ni nde w’umuhanga? N’abimenye! Kukw inzira z’ Uhoraho ar’ iziroranye, kand’ abagororotsi ni bo bazozigendamwo; arikw abacumura bazozigwamwo.


Ukuri kwawe uzogushitsa kuri Yakobo, n’ikigongwe kuri Aburahamu, ari vyo nyene warahiye ba sogokuruza uhereye mu bihe vya kera.


Arik’ Uhoraho ari hagati muri wo aragororotse, ntazokora ivyo kugabitanya; uko bukeye aserura ahibonekeza imanza ziwe ziroranye, ntatenzekanya: arikw ikigoryi nta dusoni kigira.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.


Nuko Mose avugira mu matwi y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli amajambo y’iyi ndirimbo, gushitsa ah’ ayarangirije.


Kuko ngira namamaze izina ry’Uhoraho. Enda ni mwaturire Imana yacu kw ifise icubahiro gikomeye.


Nuko Mose umusavyi w’ Uhoraho apfira ngaho mu gihugu c’i Mowabu, nk’ukw ijambo ry’ Uhoraho ryavuze.


Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe yonyene, igitinyiro n’icubahiro bibe ivyayo, ibihe bitazoshira. Amen.


Kandi Mose yayoboka mu rugo rwayo hose nk’umushumba, kugira ngw abe icabona co gushingira intahe ibizovugwa hanyuma.


Mugabo, muze mugire umwete cane wo kwitondera ivyagezwe n’amabgirizwa, ivyo Mose umusavyi w’Uhoraho yabageze, ati Mukunde Uhoraho Imana yanyu, mugendere mu nzira zayo zose, mwitondere ivyagezwe vyayo, mwifatanye na yo akaramata, muyisabe muyiherejekw imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose.


Jewe ndi Alufa na Omega, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.


bati Turagushimye, Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wābiriye ububasha bgawe buhambaye, ukima.


Baririmbira indirimbo nsha imbere ya ya ntebe y’ubgami, n’imbere ya vya binyabugingo bine na ba bakuru. Nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bācunguwe ngo bakūrwe mw isi.


Umumarayika wundi wa kabiri akurikirirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino ni yo burake bg’ubushakanyi bgaco.


Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero, afise izina ryanditsweko, ng’ UMWAMI W’ABAMI, ŪGANZA ABAGANZA.


kukw amateka yayo ar’ay’ ukuri n’ukugororoka. Yaciriyekw iteka umwe maraya w’agahebuza, yononesha abari mw isi ubusambanyi bgiwe, kand’ imuhōye amaraso y’abagurano bayo.


Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu‐atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw ijoro, vyama bivuga, bit’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ ariho, kand’ agira aze.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan