Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Jewe ndi Alufa na Omega, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 “Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo,” ni ko Umwami Imana avuze, “uwuriho, uwamyeho kandi agira aze, Mushoboravyose.”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 1:8
29 Iomraidhean Croise  

Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’ utungane rwose.


Kand’ Imana Ishobora vyose iguhe umugisha, iguhe kurondoka, ikugwize, kugira ng’uhindukemw’ isinzi ry’amahanga.


Imana iramubarira, iti Ni jewe Mana Ishobora vyose; urondoke, ugwire; ihanga rizogukomōkako, mbere n’igugu ry’amahanga, n’abami bazokomōka mu rura rwawe;


Imana Ishobora vyose ibahe guhāngazwa na we, ngw abarekurire mwene nyoko wundi, arekure na Benyamini. Nanje namba nzoba nyakamara, mbe ko!


Yakobo abarira Yosefu, at’ Imana Ishobora vyose yanyiyerekeye i Luzi ho mu gihugu c’i Kanani, irampezagira;


Ni yo Mana ya so, izogufasha. Īshobora vyose izoguha imigisha, Imigisha iva iyo mw ijuru hejuru, N’imigisha iva mu mazi y’i kuzimu, Izoguha umugisha w’ibere ryiza n’inda ishira imbere.


Imana yishura Mose, iti NDI UWO NDI WE: kandi, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, uti NDIHO yabantumyeko.


kandi niyeretse Aburahamu, na Isaka, na Yakobo, ko nd’ Imana Ishobora vyose, ariko sinabīmenyesha mur’ iryo zina ryanje UHORAHO.


Ni nde yabikoze akabishitsa, ahamagaye abantu uk’ urunganwe rwabo rwagenda rukurikirana uhereye kw itanguriro? Ni jewe Uhoraho, uwa mbere n’ uw’ iherezo, ni jewe nyene.


Ni mwebge vyabona vyanje, ni k’Uhoraho agize, n’abasavyi banje natoranije, kugira ngo mummenye kandi munyizere, kandi mutahure ko nd’ uwo ndi we: nta mana yigeze kubumbga hirya yanje, kandi nta yizonza mu nyuma.


Uku ni k’Uhoraho agize, Umwami wa Isirayeli, ari we Mucunguzi wiwe, Uhoraho Nyen’ ingabo: ati Nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo, kandi nta yindi Mana atari jewe.


N’unyumve, yewe Yakobo, yewe Isirayeli nahamagaye; ndi We. Nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo.


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Ni k’uwumva amajambo y’ Imana avuga, Akerekwa Īshobora vyose nko mu nzozi, Akīkubita hasi, arikw ahumūye amaso:


Kandi nzobabera So, Namwe muzombera abahungu n’abakobga, Ni k’Uhoraho ashobora vyose agize.


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,


Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,


bati Turagushimye, Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wābiriye ububasha bgawe buhambaye, ukima.


Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.


kukw izo ar’ impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.


Numva igicaniro kivuga, kit’ Ego me Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ ukuri n’ukugororoka.


Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose.


Numva ikimeze nk’ijwi ry’ishengero rinini, n’ikimeze nk’ugusūma kw’amazi menshi, n’ikimeze nk’ijwi ry’imituragaro ihambaye, kivuga, kiti Haleluya, kuk’ Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna, ut’ Uwa mbere kand’ uw’ iherezo, uwari yarapfuye kand’ akaba muzima, aravuga ibi,


Kandi sinabonye urusengero kuri wo, kuk’ Umwami Imana ishobora vyose na wa Mwagazi ari bo rusengero rwawo.


Kand’ irambarira, iti Karabaye. Ndi Alufa na Omega, itanguriro n’iherezo. Ūfise inyota nzomuha kunywa kw isōko y’amazi y’ubugingo ku buntu.


Ndi Alufa na Omega, uwa mbere n’uwa nyuma, itanguriro n’iherezo.


Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu‐atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw ijoro, vyama bivuga, bit’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ ariho, kand’ agira aze.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan